Ururirimbo "Babongere" rwateye impari rwasohotse

0 6-12-2017 - saa 15:30, IGIHE

Ikoh Multiservice yasohoye ururirimbo rwari rwateye impari n’umwikeko imbere y’uko rusohoka. Ubutumwa benshi bibaza ko buzoza burimwo butandukanye n’ubugize ururirimbo "Babongere".

Imbere y’uko rusohoka, "Babongere" rwateye ikibazo gitumwe n’abaruririmvye. Abo si abandi,ni Big Zoe na Prince Mshindi bazwi cane mu ndirimbo z’Imana( Gospels), hamwe na Double Jay na Franck Duniano (bazwi cane mu ndirimbo zisanzwe).

Abatari bake bamaze kwumva iyo mirwi ibiri y’abaririmvyi idasangiye ubutumwa muri kamere, igiye hamwe igakora ururirimbo, biyumviriye vyinshi.

Ku ruhande rwa mbere, bamwe bibaza ko Big Zoe na Prince Mshindi boba bahinduye ubutumwa bahora batanga mu gukurikira Double Jay na Franck Duniano bari mu mugambi "U’ll Love Changes Vol2). Abandi nabo bakibaza nimba abo banyuma boba bagiye gutangura kuririmba indirimbo z’Imana.

Kuri abo bose bari bafise canke bagize amakenga, bumvirize ururirimbo "Babongere" baheze bashire amazinda.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha