Urunani ASSUR rwatunganije inama rukokoma ihuza amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha

0 15-11-2018 - saa 13:39, vianney

Urunani rw’amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha mu gihe c’impanuka ASSUR(Association des Societes d’assurance du Burundi) rwatunganije kuri uno wa kane igenekerezo rya 15 Munyonyo 2018 inama ya mbere rukokoma ihuza abantu bose begwa n’ico gisata mu ntumbero yo kurabira hamwe uko ico gisata cifashe,guhimiriza abantu bose gutahura akamaro k’ayo mashirahamwe hamwe no kurabira hamwe uko boduza umwimbu.

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura k’umugaragaro iyo nama ,icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko intererano y’amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha ari ntangere mw’iterambere ry’igihugu.

Joseph BUTORE yavuze kandi ko ashima uruhara rw’urwego rujejwe gucungera amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha ARCA(Agence de Regulation et de controle des assurances) mu kuyahimiriza kwisunga amategeko mashasha ayagenga.

Umukuru w’urunani ASSUR Trinitas GIRUKWISHAKA yamenyesheje ko iyo nama yatunganijwe izofasha kugira inzira zofasha gutorera umuti ibibazo bihanze ico gisata zitangwe gutyo bifashe kuduza ubutunzi bw’igihugu.

Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze ko iyo nama yatunganijwe kugira barabire hamwe ibituma umwimbu utiyongera no kubitorera inyishu nk’ukutaronka inyigisho zijanye n’akamaro ko kuja murayo mashirahamwe,kunegura ishirahamwe,amategeko ngenderwako mashasha ataramenywa na bose hamwe n’ibibazo bijanye n’ivyo gushumbusha imodoka.

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ko itunganywa ry’iyo nama rukokoma rigaragaza ko imigambi y’urunanri ASSUR ijanye no guteza imbere ubutunzi bw’igihugu hamwe no guteza imbere igisata c’amahinguriro mu gihugu.

Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze kandi ko amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha afise uruhara runini mw’iterambere kuko biciye mu makori n’amatagisi atangwa ico gisata cinjiza mu butunzi bw’igihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha