Urunani ASSUR ruvuga ko rugiye gutunganya inama yo kuduza umwimbu w’amashirahamwe yarwo

0 8-10-2018 - saa 18:54, vianney

Urunani rw’amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha mu gihe c’impanuka ASSUR(Association des Societes d’assurance du Burundi) rugiye gutunganya inama ya mbere rukokoma ihuza abantu bose begwa n’ico gisata mu ntumbero yo kuduza umwimbu w’ayo mashirahamwe.

Mu kiganiro umukuru w’urunani ASSUR yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 8 Gitugutu 2018 ,Trinitas GIRUKWISHAKA yamenyesheje ko bagiye gukora ibishoboka kugira abarundi bahimirizwe baje barijukira amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha abahuye n’impanuka zitandukanye kuko basanze abantu batitura ayo mashirahamwe bivuye ku gushaka ariko babikora kubera rimwe na rimwe ari itegeko.

Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze ko ibivugwa ko ayo mashirahamwe ateba kuriha abanywanyi babo bishika kuri bamwe bamwe ariko kenshi biva ku banywanyi kuko iyo umuntu ahuye n’impanuka harivyo asabwa kandi bategerezwa gutohoza kubera bihora bishika abanywanyi bakabesha.

Uwo mukuru wa ASSUR avuga ko igihugu c’Uburundi kikiri inyuma kubijanye n’uko abantu bijukira kuja murayo mashirahamwe ugereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha