Urunani ASSUR ruvuga ko abitura amashirahamwe yarwo bari musi y’igice kimwe kw’ijana

0 16-11-2018 - saa 17:06, vianney

Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’ubwishingizi kubijanye no kuriha abashikiwe n’amasanganya ASSUR(Association des Assureurs du Burundi) ,Trinitas GIRUKWISHAKA amenyeshako ayo mashirahamwe atarashika kubiharuro bishimishije kuko abanyagihugu bamaze kuyitura mu gihugu bashika ibice biri musi ya 1 kw’ijana (0,75 ).

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’inama rukokoma ihuza abantu bose begwa n’ikibazo c’amashirahamwe ashumbusha mu gihe c‘amasangaya,Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze ko ico bipfuza aruko hagire igikozwe kugira abantu bitura ayo mashirahamwe biyongera bifashe mu kugwiza umwimbu wayo.

Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze ko ico bagiye kugira amanama menshi na reta,abikorera utwabo hamwe n’abanywanyi babo biciye mu guhimiriza kugira bamenye akamaro ko kuja murayo mashihamwe.

Trinitas GIRUKWISHAKA yavuze kandi ko ayo mashirahamwe afise akamaro kanini kuko atanga akazi ku bantu hamwe no guterera mu butunzi bw’igihugu biciye mu kuriha amatagisi n’amakori.

Uyo arongoye urunani ASSUR yavuze ko ihangiro bihaye aruko bagiye gukora ibishoboka kugira bagwize umwimbu incuro 2 mu myaka itanu iri imbere.

Kubijanye no kuriha abahuye n’isanganya kubijanye n’igisata c’imodoka,Trinitas GIRUKWISHAKA avuga ko ico gisata gifise ibibazo vyinshi kuko uburyo busohoka mu mashirahamwe kugira barihe abahuye n’impanuka basohora amafaranga menshi kugira barihwe.

Uyo arongoye ASSUR avuga ko amasanganya yibonekeza ari menshi niyo hatagira igikozwe ari ingorane ikomeye kuko kiretse amafaranga menshi basohora mu kuriha abo bahuye n’izo mpanuka kenshi zihitana n’ubuzima bw’abanyagihugu.

Umukuru w’umurwi yatunganije iyo nama rukokoma,Augustin SINDAYIGAYA avuga ko mu misi irimbere bagiye kwitaho gushimisha abanywanyi kugira babandanye bitura ayo mashirahamwe hamwe no gushikira abanywanyi benshi kugira bamenye uko bakora gutyo bayiture ku bwinshi.

Umwe mu banywanyi bayo mashirahamwe yitavye iyo nama,Andre NDIKUMANA yavuze ko ayo mashirahamwe afasha cane kuko iyo umuntu abaye umunywanyi wayo amushigikira akamufasha bimwe biboneka mu gihe ahuye n’isanganya canke impanuka .

Andre NDIKUMANA yavuze ati : «Murino nama twize vyinshi bizotuma ibisata turimwo bitera imbere mu gihe hariho abantu bayafata uko bishakiye. »

Amashirahamwe y’ubwishingizi kubijanye no kuriha abashikiwe n’amasanganya canke impanuka ashika 13 ku rwego rw’igihugu akaba afise abakozi bashika 500 ,muruno mwaka wa 2018 akaba afise umwimbu ushika imiriyaridi 40 n’ibice 6.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha