Urubuga Twitter rugiye kwongereza amajambo abarukoresha bandika

0 27-09-2017 - saa 15:21, IGIHE

Urubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter rwamenyesheje ko ruriko ruragerageza kwongereza igitigiri c’amajambo mu butumwa umuntu ashobora kwandika kuri urwo rubuga gushika ku majambo 280.

Urwo rubuga rufise abantu barukoresha barenga imiriyoni amajana atatu, ruhanganye n’ikibazo c’igwirirana ry’abantu barukoresha, ubu rukaba ruriko rurihweza ingene rwokorohereza abarukoresha.

Umugwi muto w’abakoresha urwo rubuga uzogiramwo uruhara muri iryo geragezwa ryo kwongereza amajambo yandikwa, gushika ku ncuro zibiri bafatiye ku majambo 140 bahora bandika .

Urwo rubuga rwa Twitter ruvuga ko ari kimwe mu bintu vyahora bigora abakoresha urwo rubuga.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha