Jean Claude KARERWA avuga ko ivyo kuva mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu bimanza kwigwa

1 28-09-2018 - saa 13:51, vianney

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA amenyeshako ibijanye n’amashirahamwe asaba reta kuva mu murwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe agateka ka zina muntu bimanza kwigwa nayo hama igatanga inyishu.

Mu Kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018,Jean Claude KARERWA yamenyesheje ko ivyo reta ishikirizwa canke isabwa n’abanyagihugu canke n’amashirahamwe reta ivyakira igaheza ikavyiga ariko kubijanye no kuva muruyo murwi atovuga ko ari uyu musi canke ejo kuko bimanza kwigwa.

Jean Claude KARERWA yavuze ko reta yinjiye mw’ishirahamwe ikabona ko ikwiye kuyivamwo iravyicarira hama igatanga inyishu.

Jean Claude KARERWA avuga ko reta ibonye ko hari akunguko ivuye mw’ishirahamwe iri canke iriya iraheza ikabikora.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Mybad 2018-09-30 17:09:32

Ni mwivire mwo no muri ONU na UA .none kera kubtwaro ya cami abarundi ntibari babaye ho ata mashirahamwe mpuzamakungu ariho .Ahubwo n abaserukira igihugu mu makungu bose ni bitahire hanyuma dutegerere ku mbihe aboruvogera.

Kumenyekanisha