Umusi wo kwiyandikisha kubinjira mu rwego rw’intwazangabo no mu bisongerezi mu giporisi wamenyekanye

4 27-09-2018 - saa 07:43, vianney

Ubushikiranganji bw’umutekano ,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako abipfuza kwinjira mw’ishure ry’intwazangabo ry’igiporisi hamwe no mw’ishure ry’ibisongorezi mu giporisi bazokwiyandikisha kuva kw’igenekerezo rya 3 Gitugutu gushika 14 Gitugutu uyu mwaka wa 2018 ku makomisariya y’igiporisi mu ntara bavukamwo.

Umushikiranganji w’umutekano,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe ,Alain Guillaume BUNYONI avuga ko uwushaka kwiyandikisha mw’ishure ryibisongerezi asabwa kuba ari umurundi atarubaka,ata mwana agira kuba yararangije n’imiburiburi umwaka w’icenda w’ishure nshingiro canke umwaka w’icumi w’amashure yisumbuye wa kera kandi akaba atigeze aba umuporisi canke umusirikare.

Mu rwego rw’intwazangabo uwiyandikisha ategerezwa kuba afise urupapuro rw’umutsindo rw’ikibazo ca reta “Diplome d’Etat”.

Bimwe mu bisabwa mu kwiyandikisha n’ifotokopi ya karangamuntu,urupapuro rwerekana amavuko,urupapuro rwerekana ko atubabtse,urupapuro rw’umwidondoro,urupapuro rwerekana ko udakurikiranwa n’ubutungane,urupapuro rwerekana ko wigenza neza,urupapuro rwo kwa muganga rwekena ko ufise amagara meza,udufoto paseporo 6 hamwe n’urupapuro rwemeza ko warangije umwaka w’icenda w’ishure nshingiro canke uwicumi w’inyigisho za kare ku rwego rw’ibisongerezi canke urupapuro rw’umutsindo rw’ikibazo ca Reta ku binjira mu rwego rw’intwazangabo.

Alain Guillaume Bunyoni avuga ko abazoba banditswe kandi bakwije ibisabwa bazokora ikibazo ku magenekerezo ya 9 na 10 Munyonyo uyu mwaka wa 2018 ku mirwa mikuru y’intara biyandikishijemwo.

Iryo tangazo ry’uyo mushikiranganji rivuga ko uwuzohirahira akabesha ubwoko bwiwe,imyaka afise ,adafise umwana,aho yigiye amashure afise n’ibindi azohanwa hisunzwe amategeko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Jacques Karugarama 2018-09-30 23:08:35

Abo bikigendera k’umoka ntibazi aho isi igeze.

2
Ntashya 2018-09-27 18:52:06

Ntimukarangaze abantu mu bitari ngombwa. Abashobora kujya muri izo ntwazangabo bariyizi.

3
Burundi Philbert 2018-09-27 12:54:56

Ego Turabashimiye Kukigoro Mukora Mukudutumako Ariko Rero Twebwe Abanya Giteranyi Mwaratwibagiwe

4
Sindayigaya 2018-09-27 11:40:41

Ni vyiza

Kumenyekanisha