Umusi ikibazo co kwinjira mu mashure y’akarorero kizokorerwako wamenyekanye

1 20-08-2018 - saa 10:30, vianney

Ubushikiranganji bw’indero,inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga bumenyeshako umusi ikibazo co kwinjira mu mwaka w’indwi w’amashure y’akarorero kizokorwa kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro umwaka wa 2018 kuva isaha imwe n’inusu yo mu gitondo.

Mw’itangazo umushikiranganji w’indero,inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga yashize ahabona , Janviere NDIRAHISHA amenyeshako abanyeshure bari k’urutonde rw’abazokora ico kibazo bategerezwa kwibangikanya kuruyo musi w’ikibazo urupapuro rw’amanota baronse mw’ishure ruriko ikidodo c’ishure n’umukono w’umuyobozi waryo ,ikaramu hamwe n’agacamurongo.

Janviere NDIRAHISHA aheraheza avuga ko abo banyeshure bategerezwa kuzokwambara umwambaro w’ishure kandi bimosheje imishatsi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Busurahende 2018-08-21 12:07:56

Burya abanyeshure batarashika mu mwaka w’indwi baratoye mu matora aheruka? Mbe itegeko ryo gusubiramwo ca kibazo ca Leta cibwa (gushika n’aho abategetsi bo muri ubwo bushikiranganji binjira icese gukorana n’abanyeshure) rizosohaka ryari? Ubwo bushikiranganji burakwiye kugirirwa isuku kuko bwaracafuye birengeje.

Kumenyekanisha