Umushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko amafaranga y’agaciro azoboneka

0 3-02-2018 - saa 11:22, IGIHE

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bumenyesha ko ata migambi ihambaye itegurwa kugira amafaranga y’agaciro aboneke, ariko aboneka iyo abantu bari ku bikorwa bifasha ayo mafaranga kuboneka.

Igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu mwaka wa 2017, umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko naho amafaranga y’agaciro vyashitse agakena, bizoshoboka kugira ayo mafaranga aboneke kuko ibiri mu gihugu vyose bishobora kuvyara amafaranga y’agaciro.

Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ati :“Ikidashoboka n’igiki ? Ubu umwimbu w’agatasi urashimishije ku buryo aha ikigo gitoza amakori n’amatagisi coca kitubwira amafaranga y’agaciro yakoreshwa mu kwinjiza ivyo vyimburwa.”

Uwo mushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko igiterwa c’ikawa cahora kija kugurishwa hanze mu kinyegero vyatuma igihugu kihahombera amafaranga y’agaciro,ubu catorewe umuti bigiye gufasha mw’iboneka ry’ayo mafaranga.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha