Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abamenyeshamakuru gukorana n’ikigo IGEBU

0 21-09-2017 - saa 13:45, IGIHE

Umushikiranganji w’ibidukikije, amazi no gutunganya ibisagara, amenyesha ko abamenyeshamakuru bategerezwa gukorana n’ikigo gikurikirana ihindagurika ry’ibihe IGEBU kugira batange amakuru akwiye ku bijanye n’ikirere mu gihugu.

Yugurura uruganda rwo gutanga amakuru ku bijanye n’ikirere mu kiringo c’Uburimyi c’agatasi, kuva mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri Kigarama, umushikiranganji Celestin NDAYIZEYE yamenyesheje ko ihindagurika ry’ikirere ritakiri ibanga mu Burundi kuko hari ibimaze kuba vyerekana ko Uburundi nabwo bumaze gushikirwa n’ingaruka z’ihindagurika ry’ikirere.

Celestin NDAYIZEYE amenyesha ko Reta y’Uburundi yamaze gushiraho intumbero yo gukinga ibiza bafashijwe n’abafasha muri uwo mugambi wo gukinga impanuka zivuye kw’ihindagurika ry’ikirere.

Umushikiranganji w’ibidukikije, amazi no gutunganya ibisagara avuga ko kumenya uko ibirere bihindagurika ari intambwe nziza kuko bifasha abari mu bisata bitandukanye na cane cane abakorera mu gisata c’ibidukikije kumenya uko bigenza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha