Umushikiranganji w’amagara y’abantu : "Ntiharagera ko malaria ifatwa nk’ikiza"

3 24-02-2017 - saa 09:07, IGIHE

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ,Muganga Josiane NIJIMBERE amenyesha ko hataragera ko indwara ya Malaria ifatwa nk’ikiza mu Burundi, ariko ko mu gihe ibiharuro vy’abarwayi vyobandanya kwiyongera ata kibuza ko bovuga ko malaria yabaye ikiza.
Igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma, umwaka wa 2017, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko ibitigiri vyerekanye ko indwara ya Malaria yagabanutse gushika (...)

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ,Muganga Josiane NIJIMBERE amenyesha ko hataragera ko indwara ya Malaria ifatwa nk’ikiza mu Burundi, ariko ko mu gihe ibiharuro vy’abarwayi vyobandanya kwiyongera ata kibuza ko bovuga ko malaria yabaye ikiza.

Igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma, umwaka wa 2017, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko ibitigiri vyerekanye ko indwara ya Malaria yagabanutse gushika ku bice 20 kw’ijana.

Umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yavuze ko mu ntumbero yo kurwanya Malaria, ubushikiranganji bwamaze kurungika imirwi yo guhimiriza abanyagihugu ku kwikingira malaria, mu turere tw’ubuvuzi two mu ntara za Kirundo, Ngozi, Karusi na Muyinga zibangamiwe cane.

JPEG - 112 ko
Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA ,Muganga Josiane NIJIMBERE

Ku bijanye no kumenya nimba imiti ivura malaria Amodiaquine na Artesunate yoba ikivura vy’ukuri, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko barindiriye ibizova mu vyigwa biriko birakorwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS kugira bamenye ko uwo muti ukivura neza malaria.

Umushikiranganji yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko mu gihe vyoboneka ko malaria ibandanya kwiyongera, hari itegeko ry’umushikiranganji rizoca riterwako umukono rirekurira umuti wa quartem usanzwe uvura malaria, winjire ku buntu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
karaveri 2017-02-25 09:01:31

marariya yarabayikiza muburundi nabaza baganga b igitega marariya igombitumare

2
FNL 2017-02-25 07:02:13

Erega Nyakubahwa ahari Shetani ntakiza kitaharangwa,sezera kuri shobuja w’ikinywamaraso si non uzovyishura mupfaso

3
Mbabazi 2017-02-24 15:19:32

Uwobamwita Nijimber Nyababona Abanabiwe Bakomey Yoshobora Kubonakarikizagut Imit Iraza Bakayinyuruz Ngomarariy Izohera Nubwo Abarunditwaramba

Kumenyekanisha