Umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 watsinzwe n’uwo abakuze mu rukino rwa kivandimwe

0 17-06-2018 - saa 09:14, IGIHE

Mu ntumbero yo kwitegurira urukino rwo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu y’abakinyi batarenza imyaka 20 rizobera muri Niger mu mwaka wa 2019, umurwi Intamba mu Rugamba w’abatarenza imyaka 20 warakinye urukino rwa kivandimwe n’umurwi w’abakuze. urukino rwabaye kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2018, rwaheze umurwi w’abakuze utsinze ibitsindo bibiri ku busa.

Ibitsindo vy’umurwi w’abakuze vyinjijwe na Olivier BAYIZERE akinira umurwi Messager Ngozi, hamwe na Shassir NAHIMANA akina mu murwi Rayon Sport mu gihugu c’Urwanda, ari nawe yari kizigenza.

Igitsindo ca mbere ca Olivier BAYIZERE cinjiye ku munota wa 60 w’urukino, mu gihe igitsindo ca kabiri ca Shassir NAHIMANA, cinjiye ku munota wa 85 kuri panariti.

Rubaye urukino rwa mbere rwo kwitegura rubaye, kuko ku rutonde hari inkino zitatu za kivandimwe, inyuma y’urwo kur’uyu wa gatandatu, izindi zibiri zizobera ku kibuga c’i Ngozi n’ico i Gitega.

JPEG - 56.5 ko
Photo : Burundisport.com

Urwo rukino rwari rwatewe iteka n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Reverien NDIKURIYO.

JPEG - 71.1 ko
Photo : Burundisport.com
JPEG - 79.3 ko
Photo : Burundisport.com
Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha