Umurwi ndangakaranga ’’Amagaba’’ ugiye kuremesha igiteramo wise ’’Umukozo’’

0 18-05-2018 - saa 14:51, IGIHE

Umirwi ndangakaranga ‘’Troupe Amagaba’’ uriko urategura igiteramo ndangakaranga kizobera mu gisagara ca Bujumbura, kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2018, mu nyubakwa z’ikigo ndangakaranga k’abafaransa. Jean Claude NIYUHIRE arongoye umurwi Amagaba ahamagarira umuntu wese akunda akaranga k’Uburundi kuhashika kugira abone urugero akaranga k’Uburundi kagezeko.

Jean Marie NIYUHIRE arongoye umurwi ‘’Troupe Amagaba’’ avuga ko ico giteramo ciswe ‘’umukozo’’ categuwe mu ntumbero yo gusubira gukundisha abarundi akaranga kabo, nk’uko biri mu bihugu nk’Ubushinwa.

Uwo arongoye umurwi ‘’Amagaba’’, amenyesha ko, hari ivyo abarundi bari bakwiye kumenya no gutahura, kuko mu Burundi abantu benshi bazi ko akaranga ari ak’abantu bato bato mu gisagara ata kabaho, kandi atari vyo.

JPEG - 15.3 ko
Jean Marie NIYUHIRE, arongoye umurwi ndangakaranga ’’Amagaba’’

Jean Marie NIYUHIRE amenyesha ko ari akaryo ku muntu akunda akaranga k’Uburundi hamwe n’uwutari bwabibone, ko kwishikira no gushigikira akaranga k’Uburundi.

Kwinjira mu giteramo ’’ Umukozo’’ c’umurwi Troupe ‘’Amagaba’’ umuntu azoriha amafaranga 5000 vy’amarundi.

Raba amasanamu y’ indirimbo ’’Burundi’’ imwe mu zaririmbwe n’umurwi ndangakaranga ’’Amagaba’’ :

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha