Umurwi ndangakaranga AMAGABA washize ahabona amasanamu y’indirimbo "Burundi"

1 28-04-2018 - saa 10:38, IGIHE

Umurwi ndangakaranga Troupe AMAGABA warashize ahabona amasanamu y’indirimbo yawo wise ‘’Burundi’’, ku mu goroba wo kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018. NIYUHIRE Jean Claude arongoye umurwi AMAGABA avuga ko iyo ndirimbo bayikoze ku nyungu n’akaranga vy’igihugu.

Ibirori vyo gushira ahabona ayo masanamu y’indirimbo Burundi vyabereye mu ngoro ndangamico y’abafaransa mu gisagara ca Bujumbura, vyari vyitabwe n’abakunzi b’umurwi ndangakaranga AMAGABA, abasanzwe bahurikiye muri uwo murwi, abamenyeshamakuru n’abandi.

Mw’ijambo ryiwe, NIYUHIRE Jean Claude arongoye uwo murwi, yavuze ko amasanamu y’indirimbo Burundi bayafashe mu buryo budasanzwe, kuko bakoresheje n’ubuhinga bugezweho mu bijanye no gufata amasanamu hakoreshejwe ikigendajuru.

Jean Claude NIYUHIRE, yarerekanye ikidasanzwe kiri mw’itunganywa ry’iyo ndirimbo, ati : « Abandi berekana imirima, ibibanza vy’iratiro canke ibibanza vyerekana akahise. Twebwe ivyo twerekanye vyose twabishize mw’ikarata y’Uburundi iryamye mw’ikarata ya Afrika. »

Ku bibaza ko abakorera mu mirwi ndangakaranga boba bashira imbere urudandazwa, Jean Claude NIYUHIRE arabibeshuza, asigura ko umuntu wese agira akaranga atadandaza kuko hari na vyinshi aheba, mbere ata biranga umudandaza bafise.

Uwo arongoye umurwi ndangakaranga Troupe AMAGABA avuga ko, bobo ico bakora ari ukwitangira igihugu, kandi ko abantu bakwiye kumenya ko bariko bakorera akaranga k’igihugu.

Jean Claude NIYUHIRE arashimira abaterereye haba mu buryo canke mu mpanuro kugira amasanamu y’indirimbo BURUNDI aje ahabona, agasaba n’abandi gushigikira mu gikorwa co guteza imbere akaranga, kuko akaranga ata mugambwe gafise, kandi kagira abantu bose.

Raba amasanamu y’indirimbo Burundi :

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Mama 2018-04-29 18:34:29

Umurwi ndangakaranga urimumirwi nkundacane mu Burundi buhire.

Kumenyekanisha