Umurwi Umuduri Band watanze ubushimwe ku bana bize kuvuza ibicurarangisho kavukire

0 22-01-2018 - saa 13:33, IGIHE

Umurwi Umuduri Umuduri Band ugizwe n’urwaruka rw’abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda, waratanze ubushimwe ku bana bahejeje inyigisho zo kuvuza ibicurarangisho kavukire. Abo bana bize kuvuza sumuduri gusa ikembe ,inanga,indonongo.nogukoma amashi .

Uwo murwi w’abana witwa Umuduri Band kids ugizwe n’abana b’abarundi hamwe n’abana b’abanyarwanda, bakaba bahawe ubushimwe kuko batsinze amahiganwa yo kuvuza no kuririmba ku rwego rw’igisagara ca Kigali, bakaba baciye baronka uburenganzira bwo guhiganwa ku rwego rw’igihugu.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE,umukuru w’umurwi Umuduri Band amenyesha ko ivyo birori bari babitunganije , mu ntumbero yo kerekana ingabire mu bijanye no gucuraranga abana n’urwaruka baba bafise.

Uwo arongoye umurwi Umuduri Band yavuze ko naho bari hanze y’igihugu baguma bakora kugira akaranga k’Uburundi kamenyekane .

Umukuru w’umurwi Umuduri Band avuga ko bitunganijwe ku ncuro ya mbere, kandi babakoreye umurwi bisunze uko bamaze kumenya gucuraranga,ariko bakizera kwigisha abandiu mu buruhuko bukurikira, aho banabigisha kubana nabandi.

Mwomenya ko abo bana bari mu murwi Umuduri Band Kids babahaye ubushimwe bugizwe n’ibikoresho vy’ishuri, amakaye, amakaramu n’ibindi.

Umurwi Umuduri Band urategekanya kandi gusubiramwo indirimbo "twese turi Bamwe"bafashijwe nishirahamwe ry’abaririmvyi bakorera hanze y’igihugu(INABUDI).

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha