
Julen Lopetegui asanzwe amenyereza umurwi nserukiragihugu wa Espagne, niwe yahawe amasezerano yo kumenyereza umurwi Real Madrid wo muri ico gihugu mu kiringo c’imyaka itatu. Ubuyobozi bw’umurwi Real Madrid bumenyesha ko azokwinjira mu mabanga nyezina inyuma y’inkino z’igikombe c’isi zigiye kubera mu gihugu c’Uburusiya.
Ni inkuru yari irindiriwe n’abakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru kw’isi muri rusangi hamwe n’abakunzi b’umurwi Real Madrid vy’umwihariko, inyuma yahoo Zinedine Zidane yahora amenyereza Real Madrid amenyeshereje ko ahagaritse kumenyereza uwo murwi.
Julen Lopetegui aje gutanga umuco ku makuru yari amaze iminsi aca mu binyamakuru yavuga ku bashobora gusubirira Zinedine Zidane, muri abo harimwo, Mauricio Pochettino amenyereza Tottenham na Antonio Conte, amenyereza Chelsea, imirwi yose yo mu gihugu c’Ubwongereza.
Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ameyesha ko Julen Lopetegui yamaze guhagarikwa mu mabanga yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu wa Espagne, mu gihe hasigaye umunsi umwe gusa kugira inkino z’igikombe c’isi zibera mu gihugu c’Uburusiya zitangure.
Umumenyereza mushasha w’umurwi Real Madrid afise igikorwa kitoroshe co kugerageza gusubiza neza na neza umukinyi Christiano Ronaldo mu murwi wa Real Madrid, kuko igihe batahukana igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya, yavuze ijambo ryerekana ko ashobora kuva muri uwo murwi.
Mu gihe abandi bamenyereza bamenyerewe baba ababaye abakinyi hagati mu kibuga canke bakaba batakinye urukino rw’umupira w’amaguru, Julen Lopetegui, wewe agiye kumenyereza umurwi w’igihangange kw’isi, mu gihe yabaye umunyezamu (goalkeeper), kuva mu myaka ya 1980 gushika mu myaka ya 1990.
Twebwe Nkabakunzi Bumugwi Wa Real Madrid Turanezerejwe Nukuba Turose Umumenyereza. Ariko Ico Tumusaba Nuko Yodutera Iteka Akoresheje Ubuhinga Bwiwe Tumuziko Mbere Akanaraba Akongereza Inguvu Nshasha Mubakinyi Akazana Amaraso Mashasha
Nukuri nivyiza kubona real madrid irose umumenyereza musha .
nitka kubona Real Madrid iros uyu mugabo !Twizir ko ibintu bigiy kumraneza kurusha !