Umurwi LLBS4 Afrika ugiye kwitaba ihiganwa CECAFA Kagame Cup

0 5-06-2018 - saa 15:18, IGIHE

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere ka Afrika y’Ubuseruko CECAFA, ryashize ahabona ikirangaminsi c’inkino z’ihiganwa CECAFA Kagame Cup, rizobera mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi gushika kurya 13 Mukakaro 2018. Uburundi bukazoserukirwa n’umurwi LLBS4 Africa.

Ihiganwa CECAFA Kagame Cup rihuza imirwi yatwaye ibikombe mu mahiganwa y’ibihugu ikiniramwo, rizohuza imirwi 12, iva mu bihugu vya Tanzaniya, Zanzibar, Urwanda, Ubuganda, Kenya, Uburundi,Djibouti Etiyopiya, Somaliya na Sudani yo mu Bumanuko.

Umurwi LLBS4 Africa uzoserukira Uburundi, uri mu murwi B, urimwo Gor Mahia wo muri Kenya, LLBS4 Africa wo mu Burundi, Rayon Sport wo mu Rwanda, ba Ports wo mu gihugu ca Djibouti.

Umurwi LLBS4 Africa uzokina urukino rwawo rwa mbere, kuwa gatandatu igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018, ukazokina n’umurwi Ports wo mu gihugu ca Djibouti.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha