
Umurwi Delta Star waronse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu ry’umwaka wa 2018, inyuma yo gutsinda umurwi wa Olympic Star ibitsindo bine ku busa.
Urwo rukino rugira kabiri rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu, rwabereye ku kibuga Urukundo c’i Ngozi, kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018.
Amakuru ava ahabereye urwo rukino, amenyesha ko iyo ntsinzi y’umurwi Delta Star itari yitezwe, kuko uwo murwi wahora mu cicaco ca mbere c’ihiganwa Primus Ligue wakorokeye mu cicaro ca kabiri.
Urwo rukino, rwabaye umurwi Olympic Star uteri kumwe n’umumenyereza wawo, bamwe mu bakunzi b’urukino rw’umupira w’amaguru, bari ku kibuga Urukundo, bakavuga ko vyoba biri mu vyatumye umurwi utsindwa.
Urukino rwa nyuma ruzoba kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, rukazohuza umurwi Vitalo FC nawo watsinze Burundi Sport Dynamic ibitsindo bibiri kuri kimwe, hamwe na Delta Star, urwo rukino bitegekanijwe ko ruzobera mu ntara ya Gitega.
Delta star ntisy bwos kuko vital uzobigisha umupira !vital intsinzi nigwacu !!
Ndateteye Ivyatsi Os Ahubw Os Nibapfume Bayimanura Mur 2é Division
Agateka ahokamye. Oyeee Vital’o iragitwara pe. Isibire mumahiganwa nyafrica. Tubazavye rero gutangura kurecruta abakinyi bandi bakimeye