Umurwi CVR uvuga ko ugiye gutangura gushingurana iteka ibisigarira vyabahambwe mu binogo rusangi

0 4-10-2018 - saa 14:43, vianney

Umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi CVR(Commission Verite et Reconciliation) umenyeshako kuva mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu umwaka wa 2018 ugiye gutangura ibikorwa vyo gushingurana iteka ibisigarira vy’abantu bahambwe mu binogo rusangi.

Mu kiganiro icegera c’umukuru w’umurwi CVR yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 4 Gitugutu umwaka wa 2018,Clement Noah NINZIZA yamenyesheje ko mu matohoza uwo murwi umaze kugira mu gihugu cose vyagaragaye ko hari ibisigarira vyinshi vy’amagufa y’abantu bimaze kwegeranizwa mu bibanza bitari bike.

Clement Noah NINZIZA avuga ico gikorwa co gushingurana iteka ivyo bisigarira hazokwisunga imico n’akaranga vy’Uburundi mu ntumbero yo kunywanisha abarundi.

Ico gikorwa co gushingurana iteka ivyo bisigarira vy’amagufa y’abantu bizotangurira muri zone Kamenge mu gisagara ca Bujumbura,i Mabanda mu ntara ya Makamba,i Bugarama mu ntara ya Muramvya hamwe no mu Kivyuka mu ntara ya Bubanza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha