Umuririmvyi rurangiranwa Jay-z yiyemereye ko yaciye inyuma umupfasoni wiwe Beyoncé

0 30-11-2017 - saa 17:29, IGIHE

Nk’uko yabishikirije mu kinyamakuru New York Times, umuririmvyi rurangiranwa wo mu mudiho wa Hip Hop Jay-Z avuga ati : « Ntakintu kigoye nko kubona umubabaro n’intimba ku mukunzi, ukaguma wicuza amakosa wagize ».

Jay-z arongera akamenyesha ko amaze guhakwa kwahukana n’umutambukanyi wiwe Beyoncé, agasigura ko ingo nyinshi zahukana bivuye ku kutayaga no kutumvikana.

Jay-Z ntiyashotse ashira ahabona umwigeme yatumye ahemukira Beyoncé ariko mu rukurikirane rwiwe rwasohotse mu mwaka wa 2016 yise Limonade, Beyoncé yaramucishijemwo mu kumuvuga ati : « Becky aux beaux cheveux ».

Jay-Z arangiza avuga ko we n’umutambukanyi wiwe bubaha umuziki wabo ari nawo ubatuma baguma bahuza, bakawufata nk’umuti w’ibibazo bacamwo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha