Umuririmvyi Natacha NGENDABANKA yavuze intumbero y’urugendo aherukamwo mu Buganda

0 21-10-2017 - saa 12:55, Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Natacha NGENDABANKA yatahutse avuye mu Buganda aho yahora gukorana ururirimbo na mugenzi we wo muri ico gihugu. Ururirimbo n’isanamu yarwo bigiye gusohoka mu ntango z’indwi itangura.

Natacha yafashe urugendo agana mu gihugu c’Ubuganda aho yakiriwe na Sheebah Kalungi. Nk’uko bitangazwa n’uwujejwe kumenyesha amakuru kwa Natacha, intumbero nyamukuru y’urwo rugendo kwari kwagura ubucuti n’akazi hamwe no guhanahana ubumenyi hagati yabo.

Muri iyo ntumbero nyene, Sheebah na Natacha baciye bakorana ururirimbo bise "wangu".

Natacha agarutse mu Burundi yamenyesheje ko urugendo rwagenze neza, eka n’igikorwa camujanye cagenze neza. Yaciye agirako amenyesha ko ururirimbo n’isanamu yarwo bizosohokera rimwe mu ntango y’indwi igiye gutangura.

Tubamenyeshe ko Sheebah Kalungi ari umuririmvyikazi azwi cane aho mu Buganda no mu karere. Akaba azwi cane mu ndirimbo "Ntwako", "Farmers" n’izindi.

Twobibutsa ko Natacha ari mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards n’ururirimbo "Iyamirize".

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha