Umuririmvyi Fizzo yatoye ubundi buryo bwo kurondera amahera

1 1er-11-2017 - saa 15:06, Egide NDUWIMANA

Big Fizzo yahinduye umukenyuro wo kugurisha indirimbo ziwe. Yahinduye umuhora yahora agurishako indirimbo, mu ntumbero yo kuja ku ruguro rw’ibihangange vy’abaririmvyi bo kw’isi.

Abarundi barayamaze bati : "Akanyoni kataguruka ntikamenya iyo bweze". Inyuma y’urugendo n’igiteramo yakoreye mu gihugu c’Ubutariyano, Fizzo yahavuye arahura ubwenge muri ico gihugu co ku mugabane wa Buraya. Mu gihe uwo muririrmvyi yiyita "Bantu Bwoy" yahora acisha indirimbo ziwe ku muhora wa YouTube, ubu naho yatanguye gukorana n’abanyamerika mu muhora wa VEVO.

Muri iyo ntumbero yo kwagura uburyo bwo kugurisha indirimbo ziwe canke ibindi bikorwa vyiwe nk’ibiganiro akorana abamenyeshamakuru, zimwe mu ndirimbo ziwe zaraye zishikanwe kuri VEVO. Muri izo ndirimbo ziriko zivuzwa harimwo "Urambabaza" hamwe na "Nanana" yakoranye na Kingorongoro.

Tubamenyeshe ko abakunzi ba Fizzo bariko bamukeza ko yateye intambwe ikomeye, aho yagiye ku rugero rw’abaririmvyi bakomeye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
didier 2018-01-29 21:13:42

None iyonzu itunganya umuziki ndundi iriko yubakwa hehe azoshake aba producer batunganya imiziki benshi natwe turiho Kirundo tubimenyereye kandi yodukura nohasi tukabimenzaneza fizzo tukurinyuma uzotwibuke kirundo busoni rurira didier menyereye ordinateur nkora nutuntu nutundi dutangaje ndabamenyeshe kiyompano ndayifise tel 25768219590

Kumenyekanisha