Umuririmvyi Bruno Mars asabwa gutanga indishi

0 22-11-2017 - saa 11:07, Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi w’umunyamerika Bruno Mars ariko arakurikiranwa n’ubutungane kubera isanamu yiwe ari umwana yashize ku mbuga ngurukanabumenyi.

Bruno Mars aheruka gutahukana agashimwe muri American Music award kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo, ariko yitwarirwa na Catherine McGann uwafashe isanamu y’uwo muririmvyi afise imyaka 3.

Catherine McGann avuga ko Bruno Mars yategerezwa kubanza kumusaba uruhusha imbere yo gushira iyo sanamu ku mbuga ngurukanabumenyi za Twitter, Instagram, mu gihe uwo muririmvyi nawe avuga ko yayishizeko mu kwibuka ibihe vy’ubuto bwiwe.

JPEG - 528.6 ko
Bruno Mars aheruka gutahukana agashimwe muri American Music award

Uwo mupfasoni yafashe iyo sanamu agasaba Bruno Mars ko yoronswa indishi.

Ivyo bikaba bibaye mu gihe Bruno Mars aheruka gutahukana amafaranga angana 8000 vyamanyamerika (8000 $) muri American Music Award.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha