
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru « intamba mu rugamba », Olivier NIYUNGEKO amenyeshako uyo murwi wifashe neza kandi witeguriye neza kwakira umurwi nserukiragihugu wa Mali mu rukino rwo gusubiza rutegekanijwe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 16 Gitugutu 2018.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 15 Gitugutu 2018,Olivier NIYUNGEKO yavuze ko kubona bararonse inota rimwe mu gihugu ca Mali bibaha amahirwe angana na 60 kw’ijana yo gushobora gutsinda.
Olivier NIYUNGEKO asaba abakunzi b’umurwi nserukiragihugu kuzoja kuwushigikira kuko intsinzi ibonetse azoba ari umunezero ku gihugu cose.
Mu rukino rwabereye i Bamako mu gihugu ca Mali ku musi wa gatanu w’indwi iheze,urukino rwaheze igihugu c’Uburundi kinganya n’igihugu ca Mali ubusa ku bundi vyose bica bitahukana inota rimwe rimwe.
Umurwi Intamb Murugamba Batarengeje Imyaka 20 Ndabahaya Amahirwe Yogutsinda Can Ibitsindo 2_0
INTAMBA NDABAFANA NA NGOZI CITY TERIMBERE
ndakunda umugwi wacu cane naranezewe kubona tunganya na mali
GABON IZOZA GUSUBIZA INTAMBA MURUGAMBA RYARI?
jewe nkunda umurwi wacu kuko uranezeza ndanawukurikkirana cane uyumunsi turatsinda 1-0 imana idufashe ndibaza nikuki batahamagaye ntibazonkiza nawe bazomuhagare kuko nawe arashoboye ndabakunda cane nkaba mperereye m’urwanda ab’ingozi murabambwira mukomere cane cane butaganda gatobo gashikanwa muraho .