Umumenyereza w’intamba mu rugamba asaba abarundi kuzoja kuwushigikira mu rukino ruzowuhuza na Mali

5 15-10-2018 - saa 16:03, vianney

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru « intamba mu rugamba », Olivier NIYUNGEKO amenyeshako uyo murwi wifashe neza kandi witeguriye neza kwakira umurwi nserukiragihugu wa Mali mu rukino rwo gusubiza rutegekanijwe ku musi wa kabiri igenekerezo rya 16 Gitugutu 2018.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 15 Gitugutu 2018,Olivier NIYUNGEKO yavuze ko kubona bararonse inota rimwe mu gihugu ca Mali bibaha amahirwe angana na 60 kw’ijana yo gushobora gutsinda.

Olivier NIYUNGEKO asaba abakunzi b’umurwi nserukiragihugu kuzoja kuwushigikira kuko intsinzi ibonetse azoba ari umunezero ku gihugu cose.

Mu rukino rwabereye i Bamako mu gihugu ca Mali ku musi wa gatanu w’indwi iheze,urukino rwaheze igihugu c’Uburundi kinganya n’igihugu ca Mali ubusa ku bundi vyose bica bitahukana inota rimwe rimwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Ndagijimana Joël 2018-11-04 05:56:56

Umurwi Intamb Murugamba Batarengeje Imyaka 20 Ndabahaya Amahirwe Yogutsinda Can Ibitsindo 2_0

2
CIZA ANDRE 2018-10-24 10:53:52

INTAMBA NDABAFANA NA NGOZI CITY TERIMBERE

3
niyubahwe thiery 2018-10-22 19:13:16

ndakunda umugwi wacu cane naranezewe kubona tunganya na mali

4
NDAYISHIMIYE IBRAHIM 2018-10-21 14:20:08

GABON IZOZA GUSUBIZA INTAMBA MURUGAMBA RYARI?

5
minani cyriaque 2018-10-16 09:29:27

jewe nkunda umurwi wacu kuko uranezeza ndanawukurikkirana cane uyumunsi turatsinda 1-0 imana idufashe ndibaza nikuki batahamagaye ntibazonkiza nawe bazomuhagare kuko nawe arashoboye ndabakunda cane nkaba mperereye m’urwanda ab’ingozi murabambwira mukomere cane cane butaganda gatobo gashikanwa muraho .

Kumenyekanisha