Umukuru wa FIFA yakeje umurwi Messager FC Ngozi

1 30-05-2018 - saa 15:54, IGIHE

Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira kw’isi FIFA, Gianni Infantino, yakeje umurwi w’umupira Messager Ngozi kuba waratwaye igikombe c’ihiganwa Primus League Burundi ry’umwaka wa 2017 ushira uwa 2018.

Mu butumwa bwo gukeza umukuru wa FIFA yarungikiye umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Reverien NDIKURIYO, kur’ uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2018,Gianni Infatino amenyesha ko iyo ntsinzi yerekana ukwihangana kwa bose.

Abandi bashimiwe n’umukuru wa FIFA n’abakinyi b’umurwi Messager Ngozi,umumenyereza wawo,abajejwe ibikorwa vy’ubuhinga no kuvura muri uwo murwi,ubuyobozi hamwe n’abakunzi bose ba Messager Ngozi .

Muri ubwo butumwa,Gianni Infatino avuga ko yipfuza kubonana n’abagize uwo murwi mu minsi iri imbere.

Umurwi Messager Ngozi, watahukanye igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu cicaro ca mbere, Primu Ligue Burundi, ufise amanota 70, ukaba uzoca userukira Uburundi, mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
mbonimpa jean paul bnz 2018-06-03 12:25:06

Ndakeje umugwi wa messager ngz

Kumenyekanisha