Umukuru w’inama nshingamateka asaba abashingamateka kwitaba ibikorwa vy’isasa ridasanzwe ryimirije

0 10-11-2018 - saa 11:40, vianney

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA amenyeshako atumiye abashingamateka kwitaba ibikorwa vy’isasa ridasanzwe kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika kurya 23 Munyonyo umwaka wa 2018.

Mw’itangazo umukuru w’inama nshingamateka yasohoye kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo umwaka wa 2018,Pascal NYABENDA avuga ko inama zidasanzwe zimara imisi 15 zitumwako bisabwe n’umukuru w’igihugu canke bisabwe n’abashingamateka barenga ica kabiri c’abagize inama nshingamateka kubiri k’urutonde rw’ivyihwezwa gusa ,ari muriyo ntumbero itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo ku wa 9 Munyonyo 2018 ritumako isasa ridasanzwe ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Pasacal NYABENDA avuga ko itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/168 ryo kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2018 ryatumyeko isasa ridasanzwe ry’inama nshingamateka na nkenguzamateka ryashizweko igikumu kubw’ivyo batumiwe kuzoryitaba.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha