Umukuru w’igihugu yemeye gushigikira igikorwa co kwandika ’’Encyclopédie de la musique burundaise.’’

1 6-02-2018 - saa 16:13, IGIHE

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yahaye umubonano umuririmvyi Félicien MINANI azwi kw’izina rya Femi De j’Abat,asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abanyamuziki baba mu mahanga, inyuma y’umutraga wo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018.

Nk’uko amakuru dukesha ibiro vy’umukuru w’igihugu abimenyesha, umukuru w’igihugu yakiriye uwo muririmvyi Félicien MINANI azwi kw’ izina rya Femi De j’Abat mu ntumbero yo gushigikira abacuraranzi.

Ayo makuru amenyesha ko, mu gihe Félicien MINANI ariko akora ingendo mu gihugu zo gutanguza igikorwa co kwandika igitabo ciswe "Encyclopédie de la musique burundaise" kizovuga k’ubuzima bw’umuziki w’Uburundi n’abanyamuziki b’abarundi, umukuru w’igihugu yemeye kuzoshigikira ico gikorwa.

Ashigikiwe n’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, Félicien MINANI yatanguje ku mugaragaro igikorwa co kwandika igitabo ’’"Encyclopédie de la musique burundaise".’’, kuwa gatatu igenekerezo rya 31 Ruhuhuma 2018, mu gisagara ca Bujumbura.

Ico gikorwa nyene yarakibandanirije mu gihugu hagati, akaba yaragikoreye mu ntara ya Gitega, aho yahuye n’abaririmvyi bava mu ntara za Gitega, Cankuzo, Ruyigi, Mwaro, Karusi na Muramvya.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Chris 2018-02-07 23:56:57

Mbe basha iyo niterambere mubanyagihugu ??ababanyi bacu bageze kure none raba ivyo Pierre yiberemwo .nukuri mana yi Burundi tabara

Kumenyekanisha