Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashize umukono kw’ ibwirizwa nshingiro rishasha

13 7-06-2018 - saa 11:11, Jean De Dieu

Umukuru w’igihugu ahejeje gushira umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Abanyagihugu benshi bahuriye muri komine Bugendana kugira bumvirize ijambo bashikirizwa n’umukuru w’igihugu. Abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi bitavyev ivyo birorI

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yashize umukono kw’ ibwirizwa nshingiro rishasha kuruno wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018 ku kirimba c’umukuru w’igihugu mu ntara ya Gitega.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, umurwi CENI uca umenyesha ibiharuro mfatakibanza kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2018, niho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ica ivuga ko ibirego vyatanzwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ko amatora yaranzwe n’utunenge, bidafise ishingiro.

Inyuma yo gushira umukono kuriryo bwirizwa nshingiro rishasha bitegekanijwe ko ibirori bica bibandaniriza muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega aho vyitezwe ko umukuru w’igihugu aca ashikiriza ijambo abarundi yongere abashikirize iryo bwirizwa nshingiro rishasha.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Manweri 2018-06-08 22:13:26

Andika hano Nyakubahwa Petero Nkurunziza Urumugabo Sebarundi Abo Bavugango Wari Wabazingamiyeko Ni Abadakunda Uburundi Nabarundi Nabashima Icubahirogusa Badashima Ko Uburundi Nabarundi Kobatera Imbere Imana Ibababarire Numutimawabo Mubi Imana Ikwiye Kubahindura

2
NSHIMIRIMANA PIERRE 2018-06-08 20:15:47

NUKURI NKURUNZIZA PIERRE NI SEBARUNDI.NTARYO YO VUMERA NGO TWEBWE BENEGIHUGU TWANKE. AHUBWO AMAHORO UBUMWE UBUTUNGANE NI TERAMBERE RIRAMA ,TURIMWO BIBANDANYE .HAMA TWESE BENEGIHUGU TWIGUMIRE MURI PARADIZO.MURAKOZE.

3
Niyonzima 2018-06-08 13:03:47

Mutama Nah Ugiy Uraduhevye Ntawundi Mukuru Wigihugu Tuzoronka Ameze Neza Nkaw Atigungirako Yamana Nabene Gihugu Mubuzi Butandukanye.Ntawuhari.Abahar Nabo Nibamw Bopfukama Uburundi Munda.Arik Imana Iratubona .Imana Ibandany Ikuzigamira Umuryango.

4
Ezéma@kalim 2018-06-08 11:16:34

Twebwe nkabarundi turakengurutse kubona wemeye gutanga atagahato.Ico nsaba uturonderere uyundi mugabo wijunja n’ijambo nka Wewe.

5
Levis 2018-06-07 19:30:38

Erega Uburundi ntimusa mare kuko urwanda nUbuganda bushakako Uburundi buva muri francophone buje muri commonwealth rero Uburundi muhabere magabo kuko ivyo bihugu vyose ntivyishimira Uburundi butwarwa numuhutu vyipfuzako bwotwarwa numututsi hama umuhutu a kabura ivugiro mukarere.Nagomba mpanure abahutu nka rwasa na minani na Jeremy nabandi bibuke kandi bibabere icirwa I vyabaye murwanda ntivyagize abahutu vyagize abatutsi ubu bavyagirije inzirakarengane zabahutu. rero barundi barundikazi rwaruka rwuburundi mwirinde basesa nkuyoze

6
NDAYIZEYE 2018-06-07 17:15:30

Nukuri ndanezerewe nijambo wavuze kandi ndongeye kugarura urukundo nagukunda imbere ya 2015.

7
Ndakunda igihugu canje 2018-06-07 15:52:06

Uburundi burogoroye. Imana ituzigamire abaturongoye

8
NIYUNGEKO ALEX 2018-06-07 15:45:31

KUVUBU UBURUNDI BUGIYE KUBA BUSHASHA LOI NI LOI UMUGABO YIHINDUKIZA MUKIRAGO... HAMA NAHO TWOGWANA GUTE INTEBE YUMUKURU WIGIHUGU NIMWE NTIYODUKWIRA UBU UMWUMWE WES YIRONDERERE UKUBAHO AKAZI KA LETA NIGAKE NTAMESHI NVUZE

9
Léon 2018-06-07 14:59:21

Imana Yo Mushoboravyose Niyizi Ico Yateguriye Twebwe Abarundi.Nanje Nti Niwirambire Mutama Kandi Ngo Ntaguheka Uwutisimbiza.

10
harimana M. Rose 2018-06-07 14:36:50

Mu bihugu vyose ibintu birahinduka. Ndibaza ko abarundi ari abantu bakuze bazi ikibabereye n’ikitababereye.
Kuvuga ko amasezerano ya Arusha ahambwe mbona ari gushikuza kuko ni vyiza kujana n’ibihe bihinduka ntitwame hahandi.N’igisabisho dawe sa twese hari ivyo baherutse guhinduramwo.
Kandi ntimwihende n’iryo tegeko shingiro rihagiye nivyaba ngombwa rizohinduka n’uko bimeze
hose.

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha