Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ikiringo ciwe kizohera mu mwaka wa 2020

27 7-06-2018 - saa 16:13, MUGISHA Van

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA amenyesha ko ikiringo ciwe kizohera mu mwaka wa 2020 kandi yiyemeje kuzoshigikira umukuru w’igihugu abarundi bazotora mur’uwo mwaka.

Ivyo yabishikirije kur’uno wa kane igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018,mu gihe yashikiriza ijambo abarundi ahejeje gutera umukono kw’ibwirizwa nshingiro rishasha.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ko ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuwe ritahinyanyuriwe umukuru w’igihugu ahari ubu nk’uko benshi bavyibaza, ariko ryahinyanyuwe kubw’ineza,iteka ,itekane hamwe na kazoza k’Uburundi n’abarundi.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati : “Ibwirizwa nshingiro rishasha ntiryahinyanyuriwe umukuru w’igihugu ahari ubu ryahinyanyuwe ku bw’ineza ,iteka ,itekane hamwe na kazoza k’Uburundi n’abarundibose.

Muri iryo jambo ryiwe, umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yateye akamo abahunze gutahuka mu gihugu cabo yongere asaba ibihugu vyabakiriye kuborohereza kugira abashaka kugaruka mu gihugu biborohere.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati : “Abahunze si inyagano ngo baboherwe mu makambi.”

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018, ritorwa ku majwi arenga 70 kw’ijana, nk’uko vyashikirijwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3  

1
ntirandekura selemani 2018-06-14 10:53:41

mutama wacu hangama kuciyumviro ciza washikirije niwibere nkamandera ube umuhuza wabarundi

2
niyonzimashadarackes 2018-06-13 17:27:16

turashimye iryo jambo yashikirije kubarundi na barundi kazi kuba atazongera kwitoza tubyakiriye neza

3
Umuzabibukarangwa 2018-06-12 03:50:23

Nyakubahwa ,ivyo Mwashikirije Vyatumye imitima yabeshi yururuka Imana Ibibashemwo.

4
Bahat Augustin 2018-06-10 10:33:26

mutama se barundi imana imwongere imigisha kwijambo ryiza yavuz

5
Manirakiza Eric 2018-06-09 23:12:53

Umukuru wi gihugu cacu Yerekanye ko Atahura demokrasi Agatako Akanayikunda mugushikiza iryo jambo,Nuko rero bibere akarorero Abandi bazoshobora gushika kuriyo ntebe.Ekambere ntabereye akarorero Abarundi gusa ahubwo Nabo mubindi bihugu bamwe bamwe nacane cane Africo Imana Mushobora vyose Amukomereze amahoro n’umunezero.

6
BOSCO SINDAYIGAYA 2018-06-09 23:10:38

MUTAMA N’IYIRAMBIRE,BISHOBOCE YOKWIYONGERA.

7
zebras 2018-06-09 16:11:19

nyenicubahiro turashimy kuri iryo jambo.ahubwo warukwiy gushigwa mubihangange vyo kwisi bakagushira nko kumafranga apana aho bazoyishirako washengey ivyo wakoz nivyish kdi uzob hafi yuwo muzotanga mumugambw kugra mugumane intsinz harya 2015 mwagomvy ku reclama vos droits hama abasoma ntibatahur baca barahunga.muri abagabo.ivyo nsavy ababijejw babirabe.murakoz

8
Tunga 2018-06-09 15:20:17

Bibaye aribyo, nakwemera ko uri umurokore koko.
Kandi waba ukoreye u Burundi igikorwa gikomeye kizandikwa mu mateka.

9
SINDAYIGAYA.ASMAN 2018-06-09 04:06:26

TURASHIMYE.IJAMBO.UMUKURU WIGIHUGU.CUBURUNDI.YASHIKIRIJE.KUBIJANYE.NIBWIRIZWA.SHINGIRO YAHERUKA GUHINDUZA.ABE ABIVUZE.ABIKUYE.KUMUTIMA.

10
ADRIEN NAHISHAKIYE 2018-06-08 22:44:02

MUTAMPA SEBARUNDI IMANA IMUHEZAGIRE CANEEEEEE KURIYO NKURU NZIZA TURAYITEZE CANE KWIJA MUNGIRO AHEZAGIGWE KANDI

Paji: 1 | 2 | 3  

Kumenyekanisha