Umukuru w’igihigu yahaye umubonano abahuza 13 bo muri Afrika

0 12-07-2018 - saa 16:39, vianney

Umukuru w’igihugu c’UBurundi Pierre NKURUNZIZA yahaye umubonano kuruno wa kane igenekerezo rya 12 Mukakaro 2018 abahuza bo muri Afrika 13 bahurikiye mw’ishirahamwe AOMA (Association des Ombudsmans et Mediateurs Africains) basanzwe baje mu nama yabo igira ya 14 hano i Bujumbura.

Muvyo baganiriye n’umukuru w ‘igihugu , Abo bahuza basavye umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA kubashigikira kugira abahuza ntibafatwe nk’abarorerezi mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika ariko bashirwe mu rwego rushobora gufata ingingo.

Abo bahuza basavye kandi umukuru w’igihugu c’Uburundi gutahuza igihugu ca Tchad ibikorwa umuhuza aba ajejwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha