
Umukenyi w’umurundi Hussein Shabani batazira Tchabalala yashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi Baroka FC wo mu karere ka Ga-Mphahlele mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Hussein Shabani Tchabalala azokinira uwo murwi imyaka ibiri.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Burundisport.com amenyesha ko Hussein Shabani Tchabalala yari asanzwe afitaniye amasezerano n’umurwi Rayon Sports wo mu Rwanda, yo kuwukinira gushika kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2018.
Hussein Shabani Chabalala yarakiniye imirwi ya Flambeau de l’Est wo mu Ruyigi hamwe n’umurwi Vitalo FC yo mu cicaro ca mbere mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, imbere y’uko aja mu gihugu c’Urwanda.
Uwo mukinyi w’imyaka 26 y’amavuka asanzwe kandi akinira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba, ari mu basatirizi binjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’Urwanda.
Amakuru dukesha Burundisport.com amenyesha ko, mu Hussein Chabalala yahawe inomero 17 azokwambara mu murwi Baroka FC.
chabalala agend amahoro yererwe !
nukuru nagende arashoboye kweri numukinyi yavyifashemwo neza mu gihugu cu rwanda.
niyigendere Kuko yari muri ekipe mbi ya Rayon ihoramo amatiku