Umukinyi BRANDON Chebby yashitse mu Burundi

6 13-06-2018 - saa 16:47, IGIHE

Umukinyi ava mu gihugu c’umurundi Brandon Shebby asanzwe akina mu gihugu c’Ubwongereza yashitse mu Burundi kuva ku muhingamo wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruheshi 2018. Aje kwifatanya n’abakinyi batarenza imyaka 20 bariko bitegurira urukino ruzobahuza n’umurwi wa Zambiya, mu kurondera uburenganzira bwo gukina inkino za nyuma z’igikombe gihuza imirwi nserukirabihugu kizobera muri Niger, mu mwaka wa 2019.

Umukinyi BRANDON Chebby akinira umurwi EASTLEIGH FC wo mu gihugu c’Ubwongereza, yitavye ubutumire bw’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba z’abakinyi batarenza imyaka 20, Joslin BIPFUBUSA.

BRANDON Chebby, ari ku rutonde rw’abakinyi 25, umumenyereza Joslin BIPFUBUSA yatumyeko ahanini bagizwe n’abakinyi bakina mw’ihiganwa ryo mu Burundi.

Imyimenyerezo yatanguye kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2014, bikaba bitegekanijwe ko umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20, uzokina inkino zitatu zo kwipima n’umurwi nserukiragihugu w’abakuze.

Umukinyi BRANDON Chebby, aje asanga uwundi mukinyi akina hanze ,NTIRWAZA Sudi, nawe akinira umurwi ASAS DJIBOUTI TELECOM wo mu gihugu ca Djibouti.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
HABIMANA Alain clovis 2018-06-17 12:24:21

None brandon chubby afise imyaka ingahe ?yoshobora gukinira senior ?

2
Gilbert Mpawenimana Gaëtan 2018-06-15 13:37:31

kubona Brando yaj nitka !Biduha icizr ko dushobora gutahana intsinzi !

3
MANWERI 2018-06-15 08:50:33

MUTUZANIR SAÏDO BERAHINO NAY UWO WEW NTAGISHASHAZOKOR REK TUBITEG AMASO

4
J.Marie MPAWENIMANA 2018-06-15 06:21:03

Nahora nshidikanya ko atamukinyi arihanze akunda Uburundi,BRANDON aratwemeje pe !nabere akarorero keza abandi.turamushimiye,kukigorokeza.

5
Niyikundana Anatole 2018-06-14 20:24:24

Naze Nyene Adufashe Turabe Ko Twotsinda Zambia Kwer Ndabipfurije Amahirwa IMANA Idufashe Gutsinda Zambia

6
J.claude NTUNZWDNAYO 2018-06-13 22:27:19

Nivyiza kwumva ko chebby aba yamaze gushika mubundi ntaworeka gushima

Kumenyekanisha