Umuhinyanyuzi Ami Baso arabandanya ibikorwa vyiwe mu mahanga

0 15-01-2018 - saa 10:27, IGIHE

Inyuma y’aho agiriye mu gihugu ca Côte d’Ivoire, aho ariko aranonosora ivyigwa vy’umuziki,umuhinyanyuzi w’indirimbo akaba n’umuririmvyi Ami Baso yamenyesheje ko abandanya ibikorwa vy’iwe vyo guhinyanyura umuziki abikoreye mu nzu yiwe Swagger Record.

Indirimbo Molo Molo y’umuririmvyi ava mu gihugu ca Congo Brazaville ni imwe mu ndirimbo yakoze, ikaba kandi ikunzwe mu karere Afirika y’uburengero.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Ami Baso avuga ko mu ntango, yari yipfuje kurondera uwo yosigarana ibikorwa vya Swagger Record ariko ahava afata ingingo yo kubangira gukorera mu Burundi, akabandaniriza ibikorwa aho ariko arabandaniriza ivyigwa vyiwe.

Kubwa Ami Baso, umuziki w’Uburundi nturaja ku rwego mpuzamakungu, ngo abaririrmvyi b’abarundi ntibaramenyekana cane.

Avuga ati « Iyo ndi mu gihugu ca Côte d’Ivoire ,benshi ntibazi abaririmvyi n’indirimbo z’abarundi.Ku bwanje, Reta yofasha abaririmvyi eka n’abarundi bagafata mu mugongo abaririmvyi. »

Inzu Swagger Record ikaba yahora irangurira ibikorwa vyayo mu gisagara ca Gitega aho yakoranye n’abaririmvyi batari bake kandi bakaba bariko baratera imbere ;aho twotanga nk’akarorero k’umuririmvyi Double Jay, ariko araja ku rugero rw’abaririmvyi bariko barubaka izina mu muziki wo mu Burundi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha