Umuhagarikizi w’umunyakenya yakuwe k’urutonde rw’abazohagararira igikombe c’isi

1 7-06-2018 - saa 16:55, vianney

Umuhagarikizi Aden Range Marwa yari mubazohagarikira inkino mu gikombe c’isi kizotangura mu ndwi iza mu gihugu c’Uburusiya, yakuwe ku rutonde inyuma yaho bigaragaye ko yakiriye igiturire imbere yuko ahagararira rumwe mu nkino zo mu gikombe ca Afirika giheruka.

Aden Ranga Marwa yaharurwa mu bahagarikizi bigenjeje neza mu gikombe co muri Afirika cabereye mu gihugu ca Gabon ariko yakuwe ku rutonde rw’abasifuzi 63 bo ku ruhande bari kuzohagarikira inkino mu gikombe c’isi.

Bivugwako ukwo kuva mu bohagarikiye inkino mu gikombe c’isi bitumye ahomba amashiringi angana imiriyoni 2 yaho mu gihugu ca Kenya, kandi yari guhabwa ibihumbi 200 vy’amashiringi yo muri Kenya imbere yo kuja mu Burusiya kandi akongera akayahabwa kuri buri rukino ahagarikiye.

Umurundi Jean Claude Birumushahu niwe wenyene asigaye k’urutonde rw’abazohagarikira ku ruhande mu nkino mu gikombe c’isi mu Burusiya ava mu Karere ka Afurika y’Ubuseruko.

Aden Range Marwa afise imyaka 41 asanzwe ari Umwigisha w’ibiharuro kw’ishure ryisumbuye rya Kotombo akaba yari mu bahagarikizi bakomeye bafitiwe icizere ku rwego mpuzamakungu inyuma yaho yitwaye neza mu guhagarikira neza inkino z’igikombe c’isi cabatarenza imyaka 17 mu mwaka wa 2011.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Gilbert Mpawenimana Gaëtan 2018-06-10 17:50:53

uwo mumnyrza yihangan pe!Ndamutekrey aka:qui s,y froter s,y piquer:J.Claude tumusngr az avyitwaremwo nez!

Kumenyekanisha