Umugambwe RANAC uvuga ko amatora y’ibwirizwa nshingiro yaranzwe n’utunenge

1 22-05-2018 - saa 11:46, Jean De Dieu

Umugambwe RANAC (Rassemblement National pour le changement) umenyeshako amatora y’ibwirizwa nshingiro aheruka ata baye mu muco no mu bwigenge kuko yaranzwe n’utunenge turari duke nko kudashira ahabona ingene amajwi yagiye araharurwa,abacungera amatora bigenga batibonekeje hamwe n’abarorerezi b’imigambwe itarishigikiye ihinyanyurwa ry ‘ibwirizwa nshingiro bakubaguwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018,umunyabanga ajejwe kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa RANAC Georges NIKIZA yamenyesheje ko bafise ubwoba ko utunenge twibonekeje murayo matora aheruka dushobora kwibonekeza mu matora yimirije.

Georges NIKIZA yavuze ko utunenge twibonekeza mu matora aritwo ntandaro y’indyane zama zibonekeje ari naco gituma umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI ukwiye kugerageza gutunganya amatora yimirije mu gushira imbere ko ico gikorwa kiraba bose ku nyungu y’igihugu n’abanyagihugu.

Uyo munyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa RANAC asaba abanywanyi bagipfunzwe bari bashigikiye ko ibwirizwa nshingiro ritohinyanyurwa barekurwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Karikurubu abdallah 2018-05-25 07:04:12

NTAKINTU NAKIMWE COKOGWA NGOKIGENDE KITANEGUWE.NICUMUNTU AKOZEKUBUBASHABWIWE KIRANEGUGWA NKENDESWE ICABANTUBESHI MUNCAMAKE AMATORA YIBWIRIZWA SHINGIRO YANGENZENEZA KUKO NTABWICANYI BWAYARANZE DUSABAKO BOTEGURANEZA AYABIBIRINA.20 Azarangwe numutekano kukwa badashaka amahoro baracigaragaza barimurabonyene banyaporitike .naho umwenegihugu ndashakakuvuga umurimyi icakeneye nuko (arya akaryama)>>>

Kumenyekanisha