Umugambwe CNDD-FDD urashima ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu

12 15-06-2018 - saa 10:12, IGIHE

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko abanywanyi b’uwo mugambwe bakiriye neza ijambo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashikirije I Bugendana kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2018, igihe yashira umukono kw’Ibwirizwa shingiro rishasha abarundi bari biyemereje icese kw’igenekerezo rya 17 Rusama uwu mwaka. Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko ijambo umukuru w’igihugu yashikirije ari ijambo rugabo riza ryerekana ubutwari, rigashimangira akarangamutima k’umugambwe CNDD-FDD.

Mw’itangazo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD , Evariste NDAYISHIMIYE, yashikirije kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, avuga ko ingingo umukuru w’igihugu yashikirije ko atazokwitoza mu mwaka wa 2020, ari ingingo nziza iza gusambura imigambi y’abansi b’intwaro rusangi, kandi ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasimbishije akaga, kugirango ntihagire uwugira icitwazo iki canke kiriya ngo asubize Uburundi mw’ihumbi.

Muri iryo tangazo, umugambwe umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD arashima cane bimwe bivuye ku mutima intambwe uburundi bugezeko mugukomeza intwaro rusangi, ubu bukaba bwareretse amahanga ico bushoboye kuko n’ibwirizwa Nshingiro rigenga Uburundi rishira igihugu ku yindi ntambwe yo gukomeza Intwaro rusangi n’intahe yo kwikukira.

Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko, umugambwe CNDD-FDD nkuko wamye uharanira gusubiza hamwe n’ukunywanisha abarundi, wiyemeje kubandanya ugendera ivyiza vyavyawe n’amasezerano y’I Arusha nkuko wabikoze kuva ushikiriye uburongozi bw’igihugu,wiyemeje kandi kuzokwama na ntaryo ugwanya amacakubiri aho aturuka hose, ugwanya intwaro zamuka ahandi atari mu matora, ihonyabwoko n’ikumirana.

JPEG - 48.5 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Umugambwe CNDD-FDD utera akamo abanyepolitike bose, iyo bari hose kuza kwifatanya n’abandi mu gutunganya urupapuro rw’inzira ruzoshikana ku matora yo mu 2020, ugasaba kandi umuhuza w’abarundi ko yofasha kugirango ivyavuye mu biganiro vy’abanyepolitike biheruka kubera I Arusha bishirweko umukono vuba kugirango ntihagire igisubira gusamaza abarundi mu gihe bariko bashira mu ngiro ibwirizwa nshingiro bitoreye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Vital NIMUBONA 2018-09-10 13:18:48

hariho abantu ataco bashima, imisi yose arugutuka indongozi zitorewe n’abanyagihugu, ariko nagomba ndabakebure burya iyo uba mu gihugu canke uri hanze yaco utegerezwa kumenya ko ariho wataye uruzogi kandi ariyo mpetso yawe, ntukivuge nabi kuko iyo kitabaho nawe ntuba uhari, igihugu c’uburundi twagihawe n’Imana, indongozi twazihawe n’Imana, ninayo mpamvu duhamagariwe riho gusengera igihugu cacu c’Uburundi n’indongozi zikirongoye, Imana irazi Uburundi Irazi ababurongoye kandi ntizigera yemera ko abarundi batotezwa canke ngo yemera abaza gutoba amahoro n’umutekano bisasagaye m’ubundi muri gihe.

2
miburo serges 2018-07-15 10:06:05

ntawutoshima ivyoreta twitoreye ikora uhereye kuri sebarundi

3
Mukunzi 2018-07-04 07:09:40

Amahor Niyo Aranga Umutware Mwiz Nka Pierre Nkurunzinza Ivyiza Aguma Akorer Igihug Nivyiz Kand Ng Umutwar Nuwutwarir Bose

4
BOSCO 2018-06-29 00:41:55

Ntibitangaje abantunkamwe mwamyweho mudashima ivyiza nyenicubahiro nkurunziza adukora nicogituma musigura ko iyishu ndayishimiye yatanze atariyo ugabo jewe bandanya kubwira abameze nkamwe guhinka kuko hageze ko duteza ibere igihugu imbere gusa nicogituma kugiteza imbere niwewe nijewe eka nurundi wese abona amahoroturimwo

5
ndikumana denis 2018-06-25 14:05:53

abarundi musengi iyo mwi jury muve muntambara

6
MUNYANEZA DIEUDONE NORBERT 2018-06-23 20:46:29

EGO NIVYO.

7
Dieudonne.Nsengiyumva 2018-06-18 21:32:14

Naje Ndashimakwijambo Perezida Yavuzeneza Nimwiza Cane

8
kamenyero 2018-06-17 21:12:50

ntawukorako na genaral evariste azokinyonga, ntarib.

9
Manweri Nyabenda 2018-06-17 12:34:38

Andika hano Ntawuto Mushimira Petero Nkurunziza Sebarundi Uwomwanya Atanze Kubokwongera Ivyiza Kuvyo Yakoze Nubu Ese Imana Yoduha Uwumeze Nka Petero Nkurunziza. Mbegako Kuva Mvutse Abaperezida Batwayeneza Uwambere Kuva Mvutse (1 ) Petero Nkurunziza Sebarundi ( 2 ) Bagaza Ntibakoresheje Amacakubiri Abandi Bagiye Babonekegwako Inzira Zabo Arinziza Arimbi Vyaramenyekanye.

10
NIYUNGEKO ALEX 2018-06-16 11:41:16

EMWE UBURUNDI BUFISABAGABO BESHI NTIHAZOBURA UWUTWARA NAHO YOBA WEW EVARIST TWOSHIMA HAMA GUTWARA NUBWENGE BWOGUTORERA IBIBAZO VYIGIHUGU NABENECO

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha