Umugambwe APDR usaba ko ibwirizwa nshingiro rishasha ryoshirwa mu ngiro

2 18-06-2018 - saa 10:10, vianney

Umugambwe APDR-Uranani rw’amahoro no gusubiza hamwe usaba ko ibwirizwa nshingiro rishasha riheruka gutorwa kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018,ryoshirwa mu ngiro nk’uko bitegekanijwe mu ngingo zaryo z’i 123,130,288 hamwe n’ingingo ya 292.

Mw’itangazo umukuru w’umugambwe APDR, yasohoye kur’uno wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018, Gabriel BANZAWITONDE amenyesha ko ibwirizwa nshingiro rishasha rikwiye gushirwa mu ngiro kuko intambanyi z’ibice 5 kw’ijana vyasabwa kugira umuntu aje muri Reta vyavuyemwo.

Gabriel BANZAWITONDE avuga ko bakeza umukuru w’igihugu ku ngingo yo kutazitoza mu matora yo mu mwaka wa 2020, kandi abifitiye uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa nshingiro bakamusaba kuzofasha umugambwe wiwe gutora uwundi azomusubirira.

Umukuru w’umugambwe APDR asaba ko ibiganiro vyosubira gutangura mu ntumbero yo gutegura urupapuro rw’inzira rwobashikana mu matora ya 2020,gushiraho itegeko rigenga amatora hamwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora bihurijweko na bose

Gabriel BANZAWITONDE aheraheza asaba ibihugu vya Afirika hamwe n’amakungu gukuraho ibihano vyafatiye Uburundi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

65097 10 19-04-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Busurahende 2018-06-18 13:28:16

Ivy’i Burundi biragoye aho usanga umuvumvyi mu rubanza arusha amanyama abatumire / abatumiwe. Ndabikuye kur’iyo APDR yanse gushikiriza aho ihagaze imbere y’amatora. Ubu imaze kumva uwatsinze n’uwatsinzwe isimbiye kw’isunzu ry’inzu ngo ibiganiro bisubire kuba kandi ubwa mbere batabiterwa.

2
ANDRE NDUWIMANA 2018-06-18 10:59:02

Nagira APDR iriko itegura umu candidat, irindiriye uwa CNDD-FDD?

Kumenyekanisha