Uguhuza ibitsina hagati y’ababisangiye vyoba bibaho mu Burundi?

25 4-10-2017 - saa 14:40, IGIHE

Abahuza ibitsina babisangiye, mu bihugu bimwe bimwe, bafatwa nk’abarenze imigenzo ndetse bagafatwa nk’ab’avumwe.

Mu bihugu vyinshi vyo ku mugabane wa Afrika barabihana nk’uko amatohoza yakozwe mu mwaka wa 2014 avyerekana. Ibihugu 38 kuri 54 vyo muri Afrika birahana iryo huzabitsina ku babisangiye.

Naho iyo nyifato yamyeho kuva kera mu bihugu bimwe bimwe vyo ku mugabane wa Buraya, ku mugabane wa Afrika hoho iyo nyifato iguma ari umuziro.

Umwe mu bahuza ibitsina babisangiye w’umurundi amenyesha ko kumera uko ari kamere k’umuntu kandi ko bidashoboka ko muribo bahindura uko bari. Amenyesha ko ubuzima bwabo butoroshe kuko mu kibano batemewe.

Dufatwa nk’abarenze imico n’imigenzo.” Niko avyemeza. Arongera akamenyesha ko ata shirahamwe rihari riharanira agateka kabo.

Mu ntango y’ikinjana ca 21, iyo nyifato ho yatangura kuja ahabona cane. Si agaseseshwa rumuri, biriho no mu gihugu c’Uburundi.

Muri uwu mwaka w’2017, ibihugu bimwe bimwe vyo mu mahanga nk’Ubudagi, Malte n’ibindi vyaremeje amategeko arekurira abasangiye ibitsina kwubakana mu gihe abacamanza 47 bahurikiye mu bihugu 47 vy’inama ya Buraya bemeje ko ata burenganzira babifitiye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

41544 12 3-01-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3  

1
Arthur 2018-11-17 19:59:00

Mbega!! Ibintu Birarwir Imama Ko Yashizeho Abantu Bibitsina Bibiri Nukuvugako Yihenze?Ahanje Mbona Ko Vyari Bikwiye Gutuzwa

2
Cishahayo Erneste 2018-09-26 10:03:10

Nasha Uwo Muntu Yabivuze Abasangiye Ibitsina Kobabihuza Ndakeneye Ko Menya Ko Abanye Mumugabo Nkawe Nkimba Arumugore Ndakeneye Ko Bubakanye Numugore Nkawe Mbe Bubakanye Bigenda Gute Mbe Baragira Santimant

3
Hakizimana Egid 2018-09-23 11:33:20

Emwe Nivumwe Nkuko Vyari Mumisi Ya Roti Niko Biri Nubu

4
ntakamazina syriaque 2018-09-18 20:39:33

nivyiza bibaye kuko abagore beshi ntaciza kirimwo

5
hakimana 2018-08-15 11:54:39

gusabaurukundo

6
Audace Niyonkuru 2018-06-30 07:45:27

Guhuza Ibitsina Kubabisangiye Jewe Ahubwo Mbona Kumengo Nukwica Ubuzima Bwabo N,ukwica Umuryango. None Hoho Bararondoka? Canke Nukwiryoyera Vyonyene? Ahubwo Abo Bantu Bashigikira Amategeko Yoguhuza Ibitsina Kubabisangiye Barabahenda Burya Bo Barabikora Atari Kubahenda? Imana Yaremye Umugabo N,umugore Bidakwiye? Ahubwo Ako Kabi Karakwiye Gutuzwa Pe.

7
Ntakarutimana Révérien 2018-06-24 10:39:25

Ivyobintu Bijanye Nokwubakana Canke Guhuza Ibitsina Ababisangiye,ndumva Gose Yuko Ataho Vyoshikana Abenegihugu Mugihe Kuva Isi Ibayeho Ivyobintu Ataho Vyakabonetse.Mbe Aho Abasangiye Ibitsina Bobihuza,kwisi Hoba Hasigaye Igitsina Kimwe?Je Ndumva Rero Ko Ivyo Icabizanye Cobisubiza Inyuma Kuko Ataterambere Biriko Bizana,mbe Ko Bashaka Guhimiriza Abantu Ngo Bakore Akokabi Kabishe, Bobo Haje Umugabo Nkabo Ngo Barangurane Ayo Mabanga Bovyemera?Mana Yanje Garukira Isi Yacu Kuko Yaheze Ivunguka

8
Belik 2018-05-30 14:25:47

Andika hano

9
Butoyi:jJeanMarie 2018-05-26 21:06:12

jewe,abahuzibitsinababisangiye.Sindabumva?Nonebarumvuburyohe?

10
j.marie nkunzimana 2018-05-26 13:26:05

ha! je ndumiwe ntac novug. Ese iyo bahay bakor imibonan mpuz bitsin bigenda gt? nakumir pe! gus abarund twe munfash tubirwany tu.

Paji: 1 | 2 | 3  

Kumenyekanisha