
Ubuyobozi bwa Fondation FEMIDEJABAT bwagenye abagiye kubuserukira mu ntara 18 zigize igihugu. Nk’uko biri mu rwandiko rubagena, abo bagenywe uko ari 18, bagenywe vy’imfatakibanza.
Muri urwo rwandiko, uwuserukira Fondation FEMIDEJABAT imbere y’amategeko Felicien MINANI, amenyesha ko abo bagenywe hisunzwe amategeko agenga iryo huriro, habajijwe kandi urwego nshingwabikorwa.
Urwo rwandiko rumenyesha ko, abatowe guserukira Fondation FEMIDEJABAT mu ntara, bafise igikorwa co gukurikirana ibikorwa no gutanga amazina y’abandi bofasha mu bikorwa vy’ihuriro.
Mwomenya ko Fondation FEMIDEJABAT irongowe na Felicien MINANI, isanzwi iriko iratunganya igitabo kivuga ku muziki w’Uburundi.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!