Ubuyapani: Abantu 100 bahitanywe n’imvura

0 9-07-2018 - saa 18:24, vianney

Abantu 100 nibo bapfuye abandi 50 baraburirwa irengero inyuma yaho imvura yisegenya itumye haba umwuzure n’imisozi irasenyuka mu Burengero bw’igihugu c’Ubuyapani.

Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC imenyeshako kuva ku musi wa kane,mu bice biherereye mu burengero bw’igihugu c’Ubuyapani vyaguyemwo imvura ingana incuro zitatu n’imvura yaguye mu kwezi kose kwa Mukakaro.

Ayo makuru abandanya avuga ko abajejwe gutabara ibiza baza batanguye kurondera abantu boba bagihema canke ibiziga vyaboba bapfuye mu masaha yo mu gatondo ko kuruyu wa mbere.

Abajejwe intwaro bamenyesheje ko ubu urugero rw’amazi rwagabanutse ku buryo imigwi ijejwe gutabara ishobora gushika imihingo yasinzikaye gusumba iyindi bari ku maguru.

Bivugwako intara ya Hiroshima ariyo hapfuyemwo abantu benshi gusumba izindi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha