Ubutumwa bwa KIDUM ku biteramo vyiwe vyagenze nabi muri Australie

16 14-11-2016 - saa 11:16, Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Jean Pierre NIMBONA batazira KIDUM avuga ko ibiteramo aheruka kuremesha muri Australie vyagenze nabi kubera abantu bahimirije abandi kutavyitaba, bagiriza uwo muririmvyi ko asigaye ari umunyeporitike. KIDUM arashikiriza uko yakiriye ibimuvugwako.
Mu giteramo yaherukamwo mu gihugu c’Uburundi, Jean Pierre NIMBONA [KIDUM] yavuze ko yasanze amahoro ahari n’umutekano ari wose mu Burundi, ibitandukanye n’ibivugwa n’abandi banyeporitike yaba abari mu Burundi canke mu buhungiro. Mu minsi (...)

Umuririmvyi Jean Pierre NIMBONA batazira KIDUM avuga ko ibiteramo aheruka kuremesha muri Australie vyagenze nabi kubera abantu bahimirije abandi kutavyitaba, bagiriza uwo muririmvyi ko asigaye ari umunyeporitike. KIDUM arashikiriza uko yakiriye ibimuvugwako.

Mu giteramo yaherukamwo mu gihugu c’Uburundi, Jean Pierre NIMBONA [KIDUM] yavuze ko yasanze amahoro ahari n’umutekano ari wose mu Burundi, ibitandukanye n’ibivugwa n’abandi banyeporitike yaba abari mu Burundi canke mu buhungiro. Mu minsi yamaze i Bujumbura, KIDUM yarifadikanije n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mw’itanguzwa ry’urumuri rw’amahoro rwacishijwe mu gihugu cose c’Uburundi.


Uwo muririmvyi yaciye atangura kwagirizwa n’abantu bamwe bamwe, ko yatanguye ibikorwa vya poritike mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ariko akabihakana. Imbere y’uko ava i Bujumbura, n’umutekano wiwe wahavuye wongerezwa kubera ivyariko biramuvugwako ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ubutumwa bwa KIDUM

Ndabaramukije! Muri Australia maze gukora concert zibiri Kandi zagenze nabi kubera kutitabirirwa nabantu . Hari isekeza ririko rirakorwa nabarundi bamwe bamwe kuma reseaux sociaux yuko abantu batokwitabira ibiteramo vyanje kubera impamvu bita ngo niza politique. Kandi vyagenze uko nyene uko bavyifuje ! Bravo mwese abakoze iryo sekeza kubera mwashitse kuco mushaka.

Ndiko ndazira ko nagiye I Burundi mukwezi kwicenda guheze hanyuma nkora akazi ko guteramisha abantu (abarundi nabanyamahanga basanzwe bibera mu Burundi ) ndabahuza Bose hamwe muri foire yari yatunganijwe na banyakenya (ambassade ya Kenya I Bujumbura) kurya nsanzwe ndabikora hose aho mba ndi.
Ndiko ndazira ko ivyiyumviro vyanje uko mbona ibintu. Uko rero vyagenze kuri runo rugendo kuva nshika muri Australia nico nokwita sabotage na boycott. Jewe kubwanje mbona ari uburenganzira bwababikoze kubera ntamuntu yariye urwara uwundi Kandi umwe wese arafise droit yokuvuga ivyo yiyumvira vyiwe

Vyatumye nibaza ibintu bikurikira:
1.sindi muri leta
2. Ntakibanza nakimwe ca politike ndimwo
3.sindi umurwanyi simfise umurwi waba rwanyi wovuga ngo nshitse I Bujumbura nce ntanguza intambara
4.Sindi umukozi wiyo leta mwoba mutavuga rumwe
5. Akazi kanje Ni uguhumuriza imitima yababaye biciye mundirimbo none murashaka ntangure akazi ko kuza ndagumura abantu ?
6 . Ego mutaje Mu biteramo vyanje ariko hakaza umuntu umwe gusa yankunze kubasumvya Jewe nkamuririmbira Kandi akanezerwa none ntimwumva ko nkikora kakazi nyene Kandi atamahera nashize imbere!?

Ibiriko biraba ndavyemeye nkumugabo Kandi ndemeye uwo musaraba mumpaye ngo nikorere inyishu yanje kuri ibi Ni uko naho hosigara umwe muri salle Jewe nzomuririmbira azoba ariwe muntu yankunze gusumvya abandi .
Sindi umunyepolitike ! Muvyemere Canke mubihakane . Abanyepolitike baja Tanzania guhura na Benjamin Mkapa kuvyerekeye ibibazo vya polike Kandi Bari Mu migambwe Jewe sindi umunyepolitike ntana mahera cumi yamarundi ndigera nrya muvya politike
Mperuka politike kuyijamwo muri 2005 aho nari mumugambwe wa MRC rurenzangemero yokwa Bayaganakandi Epitace nshaka kuba umushingamateka ! Birananira ncendemera yuko ntafise ingabirano yavyo ncandabivamwo ntanyota gushika ubu mfise yokubisubiramwo . Uko Niko kuri kuzima Jewe nivugiye ! Nta politike nshobora kujamwo ntanivyo nshoboye . Abakunzi banje bamwe bamwe bambwiye umusi umwe yuko inyuma ya Canjo Amisi apfuye ngo u Burundi ( abarundi Bose bomumirwi yose, namadini yose etc) bwaciye buronka jewe bica bituma ngira ubwoba bwinshi kuko naciye nibaza yuko nzorangiza nabi nka Canjo Amisi aho batanguye kumwita ko yari umugabo amaze gupfa ariko mubisanzwe ataco bigeze bamumarira

Rero kurivyo nimba kuba umuririmvyi wumurundi uririmvye mu kirundi bica bivamwo amatiku , gukururana mumpande zokwegamira muvya politike aho ngiye Mu Rwanda bamwe bamwe I Bujumbura ishavu rica ribaniga ngo ndabaye icitso cabanyarwanda kuja kuririmbayo mubihe nkibi aho biboneka yuko hariho ukutumvikana hagati y’urwanda n’uburundi eka n’ impunzi zabarundi ziriyo Ico gihe zica zimbona nkintwari . mvuye mu Rwanda nca nja I Bujumbura abo nasize Mu Rwanda ishavu nabo ryaciye ribaniga Jewe mbonako hageze ko ndirimba muzindi ndimi igiswahili nizindi ndimi nakare wari umutima wogukunda no gukingira akaranga nimico vyi gihugu camavukiro . Aho nashikanye ikirundi mumiziki harakwiye abandi reka nabo babandanye barenze isemo . Ikirundi nzokiririmba Mu Burundi gusa kuko niho kivugwa cane .
Murakoze

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
Kandamazi 2016-11-19 06:46:57

Wew Kidumu Ihangan Kk Nturumunyepolitique Muga Kuba Wavuz Ko Muburundi Amahoro Ariyos Warihenz Kandi Vyababaj Benshi Uharuy Abantu Birigwa Barapfa Nkurunziza Naw Wamugiz Umugenzi Umeny Ko Atamenyerwa Azikwinduka Nkuruvo Akuvugutir Umuti.

2
Charles albert 2016-11-17 11:44:47

Kidum ntabesha kweli amahoro ariyo muburundi!Gusa mubisagara niho usanga umutekano ushobora guhungabana kuko ariho usanga hari abategetsi!Ahandi naho,kidum kuba concert wagriye muri australie yagenze nabi niwihangane murudandaza habamwo kwunguka nuguhomba!ndi charles albert bazi kwizina rya havura ngaho ku kizungu mugiteranyi-muyinga

3
Wakenya 2016-11-16 05:33:18

What a hell is he talking about. Sing whatever you want in any language you want. Who cares!!!!! Peter will attend your concerts. Damn u

4
Nukonuko 2016-11-15 20:01:48

Vous Mama Vous Ne Vennez Pas?!! Mbega Murazi Irare C.N.D.D.F.D.D Yoba Yaramuhaye? Australie Mwari Kuyamuha? Gusa Kidum Nawe Vyiza Yomenyako Abarundi Bazi Ubwenge,erega Uretse DD(KUBUTEGETSI) OU OPPOSITION(ABATABWEMERA) Bose Barakanura Vyiza Mbona Atobahenda. Komera

5
2016-11-15 13:54:25

Numvirije indirimbo ziwe kidumu afise role yumuziki mu gukonsolida amahoro nta matiku ndamubonamwo.

6
Ndizeye Franvk 2016-11-15 12:53:02

Abanya politike bari bakwiye kumenyako wakoze igikorwa gikomeye co kwerekanako twese turibamwe.rero ntukagire umwikomo bizohera

7
Morodikayi Jon 2016-11-15 03:24:54

Mushingantahe Kidumu, burya icica umugabo kiva mukanwa kiwe, vyukuri wewe nturi umurya paritike, ariko kuvuga yuko muburundi amahoro kwari kuvyatsi, nukugene abantu birirwa baranigagurwa burimusi, ntamuntu yi twa kwarumurundi wumutima yo vyakiriye neza. Ego ururimi ntirugira amafire,ukwiye guhindura ukavuga icawabanje kwiyumvira, twebwe turaha muburundi ibibera ngaha tubikurikiranira kumusi kumusi, ntaco ushobora kuvuga kibure kumenyekana kububeshe,nabari mubihugu vyahanze ntiwoshobora kubahenda ngo muburundi ngoharamahoro! ivyahano muburundi barabikurikirana cane. rero ntiwokwihenda ngubeshe ngo bakwemerere, ibisigaye uzohore uvuga kwamata koyera asazwe yera.

8
Patjays 2016-11-14 23:54:07

Ntampamvu yogufata iyongingo kuko umwana w’umuntu yama arumuntu arashavura ariko iyo ishavu riheze ubuzima bukabandanya ihanhane utsindishavu ubandanye umwuga wawe ururimi rwamavukiro yawe ubandanye urumwnyekanisha ivyiyumviro imana iguha vyubaka ubandanye ubiserura ejo niheza unomunsi ushobora kuba winubwa naba nabariya ejo imana ikakugeza kurundirugezo kuko imigambi y’imana atari nkiyabantu . Harakabazo ngirandakubaze ukazobishobora uranshishura utabiahoboye ntakibazo, kuba ugezaho unomunsi intambwe ugezeko haruwagutumye canke haruwabigutegetse ? Unomunsi woshiramungiro icociyumviro washikirije haragasho bogushiramwo ? Sasa jew nokubwira ko utogira uko ishavurigize ibuka ahowavuye ukowatanguye biragufasha kubona ahowarugeze bigutume wiyumvira kubandanya urugendo mumpano yawe ejo canke nubu utegure uwuzoguhereza akabando agukoreyemungata. Amahoro abane nawe

9
KIRIJANA 2016-11-14 19:58:14

KOMERA KIVUGANIZO ABAKWIYUNVIRA NABATAZI ICO UKO AHUBWO RUCHAHO KOMEZA ABARUNDI TURIKUMWE NDIKIRIJANA KAYANZA IKABARORE

10
Karimu 2016-11-14 16:11:43

ubu ndi se yajyaga Buja gukora yo iki hari uwahamutumye? Arashaka kwigira inshuti ya Nkurunziza ku ngufu ubwo azabyirengera sasa!

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha