Ubutariyano : Ubwato butwaye abimukira bwankiwe kwinjira mw’izinga rya Malte

0 11-06-2018 - saa 16:36, MUGISHA Van

Ubwato butwaye abimukira 629 buracari mu kiyaga Mediterrane, inyuma y’aho bwankiwe gushika mw’izinga rya Malte rikukira igihugu c’Ubutariyano, kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018.

Umushikiranganji wa mbere mushasha w’igihugu c’Ubutariyano, Matteo Salvini, yavuze ko izinga rya Malte ryokwakira ubwo bwato bwa Aquarius ariko ryavyanse.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko izinga rya Malta rivuga ko ishirahamwe ritabara rya SOS Mediterrane ryakuye abo bimukira mu mazi ya Libiya, bisigura ko barabwa n’amategeko y’Ubutariyano.

Igihugu c’Ubutaliyano nico cinjiramwo abimukira benshi bava mu buraruko bwa Afrika baja ku mugabane wa Buraya.

Abatsinze mu matora aheruka mu gihugu c’Ubutariyano bari bemeye ko bagiye gufata ingingo ruhasha ku bimukira.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha