
Kuva kw’igenekerezo rya 20 gushika kurya 26 Munyonyo 2016 ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imico kama buhagarikiwe n’umukuru w’igihugu bwaratunganije indwi yahariwe ingoma z’Uburundi. Mw’ijambo ryo kwugurura k’umugaragaro iyo ndwi,umushikiranganji amenyesha ko Reta ataco itazokora kugira ingoma z’Uburundi zitere imbere.
Ibirori vyo gutanguza indwi yahariwe indwi yahariwe ingoma z’Uburundi yatangujwe n’igikorwa co kuvuza ingoma cabereye mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, mu makomine yose y’igihugu no mu bihugu vyo hanze Uburundi buserukiwemwo.
Mw’ijambo yashikirije umushikiranganji w’urwaruka yavuze ko ingoma z’Uburundi zashizwe mu matunga kama mw’ishirahamwe UNESCO ari navyo vyatumye Reta igira inguvu zo gutunganya imigambi ijanye no kugira urutonde kw’itunga ndangakaranga mu Burundi bwose, gutororokanya ivyanditswe hamwe n’ivyandikwa ku murisho w’ingoma, guteza imbere ibikorwa vyo gukomeza no guteza imbere umurisho w’ingoma.
Umushikirangani Jean Bosco HITIMANA yavuze kandi ko kuba ingoma zaragiye mu butunzi kamere mw’ishirahamwe UNESCO vyahaye inguvu Reta y’Uburundi ko gutegura imigambi yo guteza imber ibigabiro n’ibindi bibanza bijanye n’ingoma, gukomeza no kwigisha umurisho w’ingoma,kumenyekanisha umurisho w’ingoma biciye mu masabukuru n’amahiganwa imirwi ivuza ingoma irungikwamwo, gushakashaka ku buhinga bwo kuvuza ingoma hamwe no gukwiragiza no guteza imbere igiti c’umuvugangoma gikorwamwo ingoma.
Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama yamenyesheje kandi icipfuzo ca Reta y’Uburundi mu gutunganya indwi yahariwe ingoma z’Uburundi.
Umushikiranganji Jean Bosco HITIMANA ati :’’Twipfuza ko iyi ndwi yobera akaryo imirwi ivuza ingoma akaryo ko kwungurana ubumenyi, kakaba kandi n’akaryo ko guteza imbere umwuga wabo.’’
Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama yemeje ko Reta y’Uburundi ataco itazokora kugira umurisho w’ingoma z’Uburundi ugumane akanovera ka kera, abatimbo batere imbere kandi n’igihugu kihatorere akoyoko.
Umushikiramgaji Jean Bosco HITIMANA yavuze kandi ko ari akaryo k’umurundi wewe aho ari hose ko kwibuka akaranga ka basokuru, no gufasha kugira gatere imbere kandi kamenyekane.
Ibirori vyarangiye,umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama, umushikiranganji w’ibidukikije,umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n’uwo ubudandaji, bashira umukono mu gitabo c’iteka.
Igenekerezo rya 26 Munyonyo indwi yahariwe ingoma z’Uburundi izorangirirako risa n’iridasanzwe mu kico y’abarundi kuko ari kur’iryo genekerezo ingoma z’Uburundi zemewe nk’itunga kamere mw’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’imico n’akaranga UNESCO.
Iyo ndwi yatunganijwe ku civugo : ’’Umurisho w’ingoma z’Uburundi, muhivu w’amahoro, iteka n’iterambere mu Burundi.’’
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!