
Ubushikiranganji bw’umutekano gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako umuntu yipfuza gushinga ishirahamwe ryigenga mu gisata c’umutekano bibujijwe gukora ivyo bikorwa mu gihe ata burenganzira afise buvuye ku nzego zibijejwe
Mw’itangazo umushikiranganji w’umutekano ,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe yasohoye kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo umwaka wa 2018 ,Alain Guillaume BUNYONI avuga ko ububasha bwo gushinga amashirahamwe yigenga mu gisata c’umutekano bitegekanijwe mu ngingo ya 3 y’itegeko inomero 100/186 ryo kuwa 20 Mukakaro umwaka wa 2013.
Uyo mushikiranganji avuga kandi ko iyo ngingo ivuga yuko ata shirahamwe na rimwe rishobora gukora uwo mwuga ritabiherewe uburenganzira n’umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!