Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwashikirije ibigiye gukorwa mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira 2019

1 8-11-2018 - saa 18:45, vianney

Ubushikiranganni bw’amagara y’abantu no kugwanya Sida bumenyeshako mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 bugiye gutanguza isekeza ryo gucandaga kugira bakinge ingwara ya Mugiga yo mu murwi witwa A ( Méningite de serogroupe mu gifaransa).

Mu kiganiro umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya Sida yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 ,Thadee NDIKUMANA yavuze ko mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2018 ushira 2019 bazokwemeza bongere bashire ahabona umugambi ugira gatatu wo guteza imbere amagara y’abantu uva mu 2019 gushika muri 2023 hamwe no gutunganya indwi igira kabiri yo mu mwaka yahariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo.

Thadee NDIKUMANA yavuze ko bimwe muvyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere ari igikorwa co gusuzuma ingenzi ku mbibe kubijanye no gukinga ingwara ya Ebola, guhimiriza abantu kwingira iyo ngwara hamwe no kwigisha abaganga ingene ingwara ya Ebola ifata n’ingene byivura.

Ibindi vyashoboye kurangurwa n’ubwo bushikiranganji,Thadee NDIKUMANA avuga ko ari isekeza ryakozwe rijanye no gupima hamwe no guhimiriza abanyagihugu bo mu ntara za C’ibitoke,Rumonge hamwe na Rutana kugira bikingire ingwara y’imibembe.

Uyo mushikiranganji avuga kandi ko habaye isekeza ryo kuvura abakenyezi bagwaye ingwara yo mu kigo hamwe no gufasha kwemeza umugambi wa OPDAS Burundi ujanye no kugwanya ubwandu bwa Sida ku bana bavuka ku bavyeyi bagendana uyo mugera.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Miburofrederic 2018-11-09 19:56:01

Nanjeryari ,ryarangoyeguheba,nabifashijwemwo,nimana,

Kumenyekanisha