Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burabeshuza ko atakazi buriko buratanga

1 24-08-2018 - saa 15:54, vianney

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza Sida bumenyeshako amakuru amaze imisi aca k’urubuga ngurukanabumenyi whatsapp avuga ko hari igikorwa co gutanga akazi murubwo bushikiranganji ari ikinyoma kuko ata kazi kariko karatangwa murubwo bushikirnganji.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye rivuga ko itangazo ryaca ku mbuga ngurukanabumenyi rijanye no gutanga akazi ariryo ku mwaka uheze kandi uwaritanze yarafise intumbero yo guhuvya abantu.

Iryo tangazo rivuga iyo igikorwa nkico kigayitse gikozwe ababikora baba bafise imigambi yo guhuvya hamwe no kuburagiza abanyagihugu.

Iryo tangazo rirangiza rivunira akagohe abanyagihugu hamwe n’abantu bose na cane cane abasaba akazi kwama bihweza ko ivyanditswe kubijanye n’itangwa ry’akazi bikurikije amategeko kuko hakunda kwibonekeza abantu babesha abantu ko batanga akazi bamanje kurihisha amafaramga abantu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Wararaye gerard 2018-08-28 22:37:03

Reta yuburundi nive mugacerere irimwo yerekane aho ihagaze muvyitangwa ryakazi kuko ntamusi tutabona kuma terrain abakozi bashasha bikadutangaza kwumva ngo ntakazi kariko gatangwa.nibikebuke havemwo akamwene mama nibiturire ntaho bishikana atari munryane.

Kumenyekanisha