Thaddée NDIKUMANA : Mu mezi atatu aheze twashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”

0 13-07-2018 - saa 16:14, vianney

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ingwara ya Sida bumenyeshako mu mezi atatu aheze bwashoboye kuronsa abana barenga imiriyoni 4 umuti uvura ingwara zo mu nda “Albendazole”.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu,Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée NDIKUMANA yamenyesheje ko bashoboye gucandaga bongera baratanga ivyankenerwa ku bana hamwe no ku bavyeyi bibungenze bakaba baratanze ivyunyunyu hamwe n’incanco zitandukanye.

Thaddée NDIKUMANA yavuze ko mu mezi 3 aheze babandanije umugambi wo kuvura abakenyezi n’abana ku buntu,gutanga ibikoresho bitandukanye vyo gupima ,gutanga imiti hamwe no gushira mu ngiro indwi yahariwe amagara meza y’umuvyeyi n’ikibondo.

Ibindi vyashoboye gukorwa n’ubwo bushikiranganji murayo mezi aheze,n’amafrigo 51 yatanzwe akoresha imishwarara y’izuba ku ntara za Rumonge na C’ibitoke kugira afashe kubika incanco,ikigo kivura ingwara zo mu mutwe c’i Mubuga mu ntara ya Ngozi caruguruwe,ibigo vy’igororero 2 vyaronkejwe ibikoresho hamwe n’inganda 4 zatunganijwe zijanye no guhimiriza indongozi mu ntumbero yo gukinga uruhererekane rw’ingwara ya Sida.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha