Uburusiya:Vladimir Poutine yemeje ko abakekwa kuroga Sergei Skripal Atari abicanyi

0 12-09-2018 - saa 17:32, vianney

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Poutine yamenyesheje ko abakekwa kuroga Sergei Skripal yakekwa kuba inderetsi y’igihugu ciwe ata caha kiriho kijanye n’urwo rupfi rwabereye mu gihugu c’Ubwongereza.

Amakuru amenyeshako abategetsi b’igihugu c’Ubwongereza bavuze ko abakekwa murubwo bwicanyi ari abagabo 2 Alexander Petrov hamwe na Ruslan Boshirov kandi boba barakorera ikigo c’igisoda c’Uburusiya kijejwe igendereza.

Bivugwako Vladimir Poutine yavuze ko abo bagabo Atari abasirikare ari abanyagihugu basanzwe kandi bazoronka akanya mu misi irimbere kugira bashikirize ico bazi.

Sergei Skripal hamwe n’umukobwa wiwe Yulia barogewe mu gisagara ca Salisbury mu gihugu c’Ubwongereza mu kwezi kwa ntwarante..

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha