
Igihugu c’Uburundi caserukiwe mu nama igira 68 y’Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, iriko ibera i Moscou ku murwa mukuru w’igihugu c’Uburusiya. Ku rutonde rw’ivyigwa muri iyo nama, harimwo ugutora igihugu kizokwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026.
Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko igihugu c’Uburundi caserukiwe n’umukuru wa FFB, Reverien NDIKURIYO, umunyamabanga mukuru Jérémie MANIRAKIZA , n’umukuru w’umurwi ujejwe umutekano Alexis MUYENGE.
Ibindi vyizwe muri iyo nama ya FIFA, uretse gutora igihugu kizokwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, hemejwe icegeranyo c’ibikorwa, hatowe kandi amafaranga azokoreshwa mu kiringo ca 2019/ 2022, hongera hahanahanwa ivyiyumviro ku vyashikirijwe n’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu bihugu bitandukanye.
Igikorwa nyamukuru co gutora igihugu kizokwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, kirangiye igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique arivyo bitowe.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!