Uburundi bwakiriye inama mpuzamakungu y’ishirahamwe FA-UJA

4 10-08-2018 - saa 19:31, vianney

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO yatanguje kuruno wa gatanu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018,ibikorwa vy’inama mpuzamakungu igira ya kabiri y’urunani rw’amashirahamwe y’abashingwamanza bakiri bato ku mugabane wa Afirika FA-UJA (Fédération des Associations et Unions des Jeunes Avocats en Afrique) mu rurimi rw’Igifaransa.

Umushikiranganji w’Ubutangane Aimée Laurentine KANYANA yahamagariye abashingwamanza bahurikiye mururwo runani gukwirikirana neza ibizovugwa muriyo nama kugura bazohumvire vyinshi bijanye n’umwuga wabo bongera babone abababangirije muruwo mwuga uko bavyigenjejemwo naho bagejeje.

Mwomenya ko iyo nama mpuzamakungu ihuza abashingwamanza bakiri bato yitabwe n’abantu bashika 250 bavuye ku migabane ya Afirika,Buraya hamwe na Amerika.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
kabirigi 2018-08-23 22:30:10

FA-UJA (Fédération des Associations et Unions des Jeunes Avocats en Afrique).... urashakamo abanyaburaya na america ngo baze kugira gute?

2
banderembako 2018-08-22 08:36:38

ayo n’amanyanga.Ko atawufise urukoba rwera arimwo, uburayi na amerika barungitse abirabure gusa?!!!!!!

3
nijimbere.j.cloude 2018-08-12 09:36:06

UWOMUTEGETSE.AKWIYE.GUFURWA

4
Busurahende 2018-08-11 06:22:56

Abavuye ku mugabane wa Buraya na Amerika amafoto yabo ko atabonetse?

Kumenyekanisha